NEWS

Urwanda rwamirira kure ivyagirizi vya Leta y’Uburundi

on

Inyuma yaho Urwanda rwagirijwe na leta y’Uburundi ko arirwo ruri inyuma yigitero cahitanye abasirikare batari bake mu ntara ya Cibitoki, mwomenya ko Urwanda rwamirira kure ivyo vyagirizi.

Urwanda rubicishije ku munyamabanga warwo Olivier Nduhungirehe rwamirira kure ivyo vyagirizi leta y’Uburundi ivuga.

“Ni ivyagirije bidafashe Uburundi bwagiriza Urwanda…haraciye imyaka ine biba kuva mu mwaka wa 2015, ariko Urwanda  turabimenyereye…turatangara ukuntu Uburundi bwandikira amashirahamwe Mpunzamakungu  ko Urwanda rwateye Uburundi ata vyemezo”, niko Nduhungirehe avuga.

Nduhungirehe yamenyesheje ko nyabuna n’Uburundi bubitse abashaka gutemebagaza ubutegetsi bwa Kigali, nk’uko Nduhungirehe abivuga.

Nduhungirehe aragaruka kandi ku bihe vya Calixte Sankara uwemeje ko nawe yaronka ubufasha bivuye mu gihugu c’Uburundi hamwe n’Ubuganda.

Mwomenya ko igihugu c’Uburundi camenyesheje ko kitazosubira kwihanganira ibitero buvuga ko biva mu gihugu c’Urwamda, maze ko Uburundi buzoba bufise uburenganzira bwo kwihora igihugu c’Urwanda.

Mwomneya ko Uburundi bwama bwamirira kure ivyagirizi vyose vya leta y’Urwanda.

Recommended for you