NEWS

Urwanda Rwahagaritse Ukwinjiza Impene N’Intama Ziva Mu Burundi.

on

Iguhugu c’Urwanda kibanyi n’Uburundi cahagaritse ibikorwa vyo kwinjiza muri co gihugu impene n’intama biva mu gihugu c’Uburundi kubera ubwoba bw’ikiza kivugwa mu gihugu c’Uburundi ku bitungwa vyuza nk’intama n’impene (Ruminants).

Ubushikiranganji bw’Urwanda bw’uburimyi n’ubworozi bwabimenyesheje ejo ku musi wa kabiri inyuma yaho Uburundi bumenyeshereje Ishirahamwe mvamakungu ryitaho ibijanye n’ibitungwa ko hadutse ingwara ifata ibitungwa kandi ko hariko harakorwa urucanco kuri ivyo bitungwa mu Burundi na cane cane mu ntara za Gitega, Mwaro, Kirundo na Karuzi.

Ubwo bushikiranganji bw’Urwanda bukaba bwamenyesheje buti: “Turiko turamenyesha cane cane inzego zijejwe umutekano w’igihugu no ku mipaka, hamwe n’abakora urudandazwa rwo gucuruza ibitungwa, ko ukwinjiza ibitungwa n’ibintu bitangwa n’ivyo bitungwa biva mu Burundi bihagaritswe…Uguhanahana intama, impene, inyama zavyo hamwe n’umwavu w’ikizungu biva mu Burundi birabujijwe”.

Ubwo bushikiranganji bw’Urwanda bukaba bwasavye abakorera ku mipaka kuba maso kugira ntihagire uwuca ahiwe ngo yinjize ivyo bitungwa mu Rwanda biva mu Burundi.

Nk’uko FAO ibimenyesha, ico kiza gifata ibitungwa vyuza kirakaze cane ku buryo gishobora kwandukira ibice 90 kw’ijana vy’ibindi bitungwa vyuza. FAO ikamenyesha ko uwo mugera utera ibitungwa vyuza utandukira abantu.

Recommended for you