Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’urwanda yemeje ko muri aka karere ,igihugu c’urwanda gifise umwansi umwe rudende ari we Republika iharanira Intwaro rusangi ya Congo. Vincent Biruta yabitangaje kuri uyu wa kane imbere y’inama nshingamateka aho yababwira uko imigenderanire y’urwanda n’amakungu yifashe.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Médias Burundi, mw’ijambo ryiwe, Dr Biruta ntiyaciye hirya no hino:
“Twarumvikanye n’uburundi ku bijanye n’ukuntu twosubira kugira ubucuti kandi ibintu bigenda neza inyuma y’imibonano myishi. Mu buraruko ku mupaka wa Uganda , imigenderanire ni myiza, co kimwe no mu buseruko na Tanzaniya. Ariko mu burengero, nta kigenda . Ni ibiganiro vy’abaragi” Niko yashikirije.
Yamenyesheje ko “mbere imigenderanire yifashe neza hagati y’ibihugu vyose vyo muri afrika y’ubuseruko , kiretse hagati y’umwansi umwe aheruka kwinjira muri EAC”
Uwo ajejwe imigenderanire y’urwanda n’ayandi makungu yarashimitse ko uwo mwansi ashobora guhindura ivyiyumviro maze akabona ibibazo nya vyo gutyo asubire kuba umugenzi. Urwanda rukaba ruvuga ko rwiteguriye ibiganiro vyose kandi ko rwamaze kwiyemeza gushigikira utwigoro twose tw’akarere mu gutorera umuti ikibazo ca Congo.
Tubibutse ko indyane hagati ya Congo n’urwanda zadutse igihe umuhari M23 usubiriye gutanguza intambara ku butegetsi bwa Congo mu mpera za 2021. Leta ya Congo iguma yagiriza urwanda ko arirwo rushigikira uwo muhari , ivyo Kigali idahengeshanya guhakana. Urwanda narwo rwagiriza Leta ya Congo ko iguma ikorana n’abarwanyi ba FDLR, bagirizwa gukora ihonyabwoko ry’abatutsi mu Rwanda mu mwaka wa 1994.