NEWS

‘Urwanda ntirwemera ko imodoka z’Uburundi zinjira ku butaka bwayo’

on

Ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi bwamenyesheje ko igihugu c’ ‘Urwanda kitariko cemera ko ‘imodoka z’Uburundi zinjira ku butaka bwayo‘.

Ku wa 28 Kigarama 2018, ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi bwamenyesheje ko ku mupaka w’Uburundi n’Urwanda mu ntara ya Cibitoki ahitwa i Ruhwa, abategetsi b’Urwanda banse ko imodoka za Kongo zifise numero za plaque z’Uburundi kwinjira ku butaka bw’Urwanda.

Muri iryo tangazo ryanavuze kandi ko abo bategetsi b’Urwanda bankiye mbere ko imodoka z’Abarundi gukora ivyo kwunguruza Abantu ku butaka bw’Urwanda.

Mu makuru yatanzwe uyu musi ku wa 29 Nzero 2019, inyuma y’ukwezi habaye ivyo vya Ruhwa, ubushikiranganji bw’umutekano bw’Uburundi bwamenyesheje ko atakirahinduka ku bategetsi b’Urwanda.

Ubwo bushikiranganji bw’Umutekano w’uburundi bwamenyesheje buti: ” Kuva ku wa 27 Kigarama 2018, igihugu c’Urwanda nticemera ko hagira imodoka ivuye mu Burundi yinjira mu Rwanda iciye i Ruhwa mu ntara ya Cibitoki. Mbere nabajayo baciye muri Congo. Ku bwivyo, abantu 98 baramaze kubuzwa kwinjira mu gihugu c’Urwanda”.

Recommended for you