NEWS

Urwanda Ntiruzokwitaba Imikino Ya Gisirikare Itegekanijwe Kubera I Bujumbura.

on

Ibihugu vyo mu karere ka Afrika y’Ubuseruko vyama vyateguye imikino ijanye n’imico kama ya gisirikare ihuza ivyo bihugu bigize akarere. Uyu mwaka, Uburundi akaba aribwo buzokwakira iyo mikino izotangura kuwa 24 Myandagaro 2017, nkuko vyamenyeshejwe n’Umuvugizi w’Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi, Colonel Gaspard Baratuza.

Ariko rero, Gaspard Baratuza akaba yamenyesheje ko igihugu c’Urwanda kitazokwitaba ibikorwa vya 11 vy’imikino n’imicokama ya gisirikare itegekanijwe kubera I Bujumbura. “ Intumwa z’Urwanda ntizaje I Bujumbura kugira zigire uruhara muri iyo myimenyerezo ya gisirikare izomara amayinga abiri”, niko Baratuza yamenyesheje.

Ku bwabo, ku bijanye n’ibikorwa vya 10 vy’imenyerezo ya gisirikare ya Afrika y’Ubuseruko yabereye I Kigali mu 2016, Uburundi ntibwayigizemwo uruhara. Gushika ubu, ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko bishika kuri bitandatu, arivyo Uburundi, Urwanda, Tanzaniya, Kenya, Uganda na Sudani y’Epfo iheruka kuja mw’uwo muryango mu mwaka wa 2016.

Baratuza Gasaprd amenyesha ko iyo mikino ya gisirikare ari “ukwerekana ugufatana mu nda kw’abasirikare ba Afrika y’Ubuseruko biciye muri Sport. Ibindi bihugu bizogira uruhara mwiyo mikino ya gisirikare akaba ari Kenya, Tanzaniya, Uganda na Sudani y’Epfo, ariko igihugu ca Sudani y’Epfo kikazokwitaba iyi mikino ‘bwa barorerezi’ mu kurindira ko bemererwa kwitaba mu buryo nyabwo mu mwaka wa 2018.

Kuva habaye intureka z’amatora muri Ndamukiza mu mwaka wa 2015, imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburundi yarononekaye cane.Leta y’Uburundi ikaba yagiriza igihugu c’Urwanda kuba kibitse abaza guhungabanya amahoro y’Uburundi; ivyo Leta y’Urwanda ihakana yivuye inyuma.

Recommended for you