NEWS

Urwanda Mu Biganiro n’Uburusiya mu bijanye no ‘kurwaniriza umwansi hamwe’.

on

Mu rugendo umushikiranganji w’imigenderanire n’Uburusiya yakoze mu gihugu c’Urwanda, Sergei Lavrov, yaramenyesheje ibijanye no gukorera hamwe mu vya gisirikare n’igihugu c’Urwanda ari kumwe na Louise Mushikiwabo, uwuserukira Urwanda mu makungu.

Mu makuru dukesha ikinyamakuru c’Abarusiya, Sputnik News, igihugu c’Urwanda kiriko kirakora ibiganiro vya hafi mu bijanye no kugura ibigwanisho vyo mu rwego rwo hejuru vy’Uburusiya vyo kwivuna umwansi nace cane bimwe bikoreshwa mu gukorora indege( systemes anti-aeriens), niko Sergei Lavrov yamenyesheje ejo ku musi wa mungu.

https://twitter.com/mfa_russia/status/1003215573235400704

Sergueï Lavrov w’Uburusiya yamenyesheje ati: ” Ugukorana hagati yacu n’Urwanda mu vya gisirikare no mu buhinga ni kwiza cane. Ingabo zijejwe umutekano, igisirikare vy’Urwanda birafise indege za kajugujugu zacu, imiduga yo mu bwoko bwa Oural z’igisirikare hamwe n’ibiganiro bihari biriko bikorwa bijanye no kurungika mu Rwanda vya bigwanisho bicunga umutekano w’ikirere...

Ibihugu vy’Uburusiya n’Urwanda bikaba vyaheruka gushiraho umugwi uhuza ivyo bihugu mu vya gisirikare n’ubuhinga wakoranye irya mbere mu gatasi ko mumwaka uheze, nk’uko Sputnik ibishira ahabona. Bikaba vyitezwe ko inama nk’iyo izoba mu gatasi kimirije.

Imigenderanire hagati y’Urwanda n’Uburusiya igeze heza cane uravye uko ibihugu bitari bike bibandanya bikorana naco mubijanye n’ubuhinga.

Recommended for you