Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUrutonde rw'abirabure 10 batunze cane kurusha abandi muruno mwaka wi 2014 ruza...

Urutonde rw’abirabure 10 batunze cane kurusha abandi muruno mwaka wi 2014 ruza rwamaze kumenyekana, soma hano urabe

Kuva mu mwaka wa 2013 abirabure batunze bagiye bariyongera naho atari benshi ariko usanga bafise amafaranga atari make abarizwa mu mamiliyaridi y’amadolari

Uyu musi twashimye kubereka abirabure 10 batunze kurusha abandi kuri ino si ya rurema muri uyu mwaka turiko turegereza kurangiza.Kuri urwo rutonde turahasanga Oprah yakijijwe n’ibiganiro akorera kumboneshakure muri leta zunze ubumwe za Amerika.

Urwo rutonde rumeze uku ariko turahera kuwa cumi tumanuka gushika kuwambere.

10.Michael Jordan(Miliyari 1 y’amadolari)

Uretse kuba yarabaye igihangange mu mukino w’intoki wa Basketball,Michael Jordan asanzw ari umudandaza.Ubu afise umurwi w’urukino rwa Basketball witwa Charlotte Bobcats ndetse akaba yaragiye agirana amasezerano akomeye na sosiyete ikomeye ya Nike.

9.Mohammed Ibrahim(Miliyari 1.1 y’amadolari)

Uyu mmwongereza akomoka mu gihugu ca Soudan asanzwe azwi kw’ izina rya Mo Ibrahim, azwi cane ku bucuruzi bushingiye kuri sosiyete z’itumatumanako amakuru aho azwi cane kuri sosiyete yitwa Celtel aho yayigurishije miliyari 3.4 z’amadolari mu mwaka w’2005.Uyu mugabo kandi azwi cane mu kigo citwa Mo Ibrahim Foundation gitanga agashimwe ka miliyoni 5 z’amadolari ku muperezida witwaye neza ntagume k’ubutegetsi muri Afrika.

8.Abdulsamad Rabiu(Miliyari 1.4 z’amadolari)

Ni uwo mu gihugu ca Nigeria azwi cane mu bucuruzi bw’ isima n’isukari.Uyu mugabo ariko amafaranga yayakuye kuri se nawe yari umucuruzi w’umutunzi yatanguye kudandaza avuye kwiga mu gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika.

7.Folorunsho Alakija(Miliyari 2.7 z’amadolari)

Uyu mugore akomoka mu gihugu ca Nigeria,kuva mu myaka ya za 70 akura amafaranga menshi mu bucuruzi bw’ibikomoka kuri peteroli hamwe n’ibijanye n’imideli.Uyu niwe mugore wa mbere akize kurusha abandi muri Nigeria.

6.Patrice Motsepe(Miliyari 2.7 z’amadolari)

Ni uwo muri Afurika y’epfo, akura amafaranga mu bucuruzi bw’ibijanye n’amabuye y’agaciro.Afise sosiyete zikomeye zicukura amabuye y’agaciro.Mu mwaka w’2013 yavuze ko ½ c’amafaranga yinjiza azoza arayakoresha mu bikorwa vy’ubugiraneza dore ko nawe yavukiye mu muryango ukenye cane.

5.Oprah Winfrey(Miliyari 3 z’amadolari)

Uyu mugore wo mu gihugu ca leta zunze ubumwe za America yakijijwe n’ibiganiro vyo kuri televiziyo amaze igihe kinini akora aho atumira ivyamamare bitandukanye mu kiganiro ciwe.Oprah kandi azwiho gushira amafaranga menshi mu bijanye n’indero,akaba afise ikigo c’abana b’abakobwa muri Afrika y’epfo.

4.Isabel dos Santos(Miliyari 3.8)

Uretse ko ari umukobwa wa prezida wa Angola José Eduardo dos Santos,Isabel akura amafaranga ye mu bucuruzi butandukanye.Uyu mukobwa afise imigabane ingana na 25% muri sosiyete ikomeye yo gutumatumanako amakuru ya Unitel,25% mu kigo ca Banco Bic S.A ndetse n’ahandi henshi.Kugeza ubu uyu niwe mugore akize kurusha abandi muri Afurika.

3.Mike Adenuga(Miliyari 5.1 z’amadolari)

Mike Adenuga akura ubutunzi mu bucuruzi bw’ibikomoka kuri petroli ndetse na sosiyete z’itumatumanako amakuru.Uyu mugabo niwe yashinze ikigo gikomeye c’itumatumanaho ca Globacom.Uyu mugabo yatanguye gukorera amafaranga menshi agifise imyaka 26 igihe yaravuye kwiga muri leta zunze ubumwe za Amerika.

2.Mohammed Al-Amoudi(Miliyari 14.7 z’amadolari)

Ni uwo mu gihugu ca Arabia Saoudite ariko ufise nyina w’umunya Ethiopia, akura ubutunzi mu bucukuzi bw’amabuye y’agaciro ndetse n’ibikomoka kuri peteroli.

1.Aliko Dangote(Miliyari 25.2 z’amadolari).

Uyu akomoka mu gihugu ca Nigeria akura ubutunzi mu bucuruzi bwa sima,ingano ndetse n’isukari.Ubu ariko ngo yaramaze kwinjira mu bundi bucuruzi bw’ibikomoka kuri peteroli.

Sources : Afrifame

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...