NEWS

Urutonde rw’abarundi 5 bakurikiranwa cane mu Burundi

on

Nkuko twama tubigenza uko umwaka ugiye guhera , twama tugerageza kubereka abarundi bakurikiranwa cane kubuhinga ngurukanabumenyi bivanye n’ibikorwa bakora, akenshi twisunga cane ku baririmvyi, abamenyeshamakuru hamwe n’abanyepolitike.

Muri uno mwaka w’2016, umurundi aza mu mwanya wa mbere afise abamukurikana benshi cane kurusha abandi ni Eric Nyandwi asanzwe arongoye ikinyamakuru UBM News, kurubuga rwiwe rwa Facebook akaba afise abamukurikirana barenga ibihumbi ijana ( 105,000 Likes ).

Umuhanuzi mukuru ajejwe kumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu Willy Nyamitwe aza kumwanya wa kabiri , kurubuga rwiwe rwa Twitter akaba afise abamukurikana barenga ibihumbi mirongitanu ( 50,000 Followers ) ni mugihe kuri facebook afise abamukurikirana barenga (29,479 Likes )

ku mwanya wa 3 haza nyakubahwa umukuru w’igihugu cu Burundi ” Pierre Nkurunziza, kumurongo wiwe wa Facebook afise abamukurikirana barenga 40,158 Likes, nimugihe naho kumurongo wiwe wa Twitter wemewe ( Verified ) afise abamukurikirana barenga 37,000 Followers

Gitoro ni umusore asanzwe akora umwuga wo gutwenza abantu, benshi mukunze kumwumva mu kiganiro ca ” Emission Saturday morning gica kuri radio Culture 88.2 FM , uravye udukuru ashikiriza ukuntu dukunzwe cane kuri Facebook, bituma abamukurikirana babandanya kwiyongera aho kugeza ubu kumurongzo wiwe wa Facebook afise abarenga ibihumbi 38 bamukurikirana.

Kumwanya wa 5, haza Igihangange m’umuziki ndundi Big Fizzo, akaba arinawe muririmvyi wa mbere akomeye cane w’umurundi afise aba fans benshi kandi azwi cane mu Burundi hamwe no mumahanga, ubu kumurongo wiwe wa Facebook afise abamukurikirana berenga ibihumbi 20.

Recommended for you