NEWS

Urutonde rw’abakinyi 28 b’Intamba mu Rugamba ruramaze kuboneka

By

on

Abo rero batowe bakaba bafise urubanza rukomeye rwo kuzoserukira Uburundi mu mahiganwa ya nyuma y’igikombe ca Afrika c’umupira w’amaguru. Itariki ya 31 rusama bakazokina n’umurwi Aigle Noir mu ntumbero yo kwimenyereza no kurondera uburyo kugira bazoje mur’iryo higanwa ataco babuze.

Urwo rukino rukazobera kuri Stade Prince Louis, kwinjira akaba ari 5000 Fbu kuduga kuwushaka wese guterera Intamba mu Rugamba. Nkuko bimenyeshwa n’umukuru w’umupira w’amaguru mu Burundi, umukenguzamateka Réverien Ndikuriyo, mu nyuma bazoca baja mu gihugu ca Quatar no muri Tuniziya aho bazoja kwimenyereza nahonyene no kumenyera akarere ko mu bihugu vy’abarabu kuko CAN 2019 izokinirwa mu gihugu ca Egypte.

Mwomenya ko Intamba mu Rugamba ziri mu murwi B urimwo ibihugu vya Nigeria, Madagascar na Guinée. Inkino nyezina zikazotangura itariki 21 ruheshi 2019. Uburundi bukazokina n’igihugu ca Nigeria itariki 22 ruheshi igihe c’isaha imwe y’ijoro.

Raba hano urutonde rw’abakinyi bazokina iryo higanwa. Batanu nibo ari bashasha umumenyereza Olivier Niyungeko yashizemwo kugira bashigikire uyo murwi w’igihugu.

 

  1. NAHIMANA Jonathan
    2. NDIKUMANA Justin
    3. ARAKAZA Mac Arthur
    4. RUKUNDO Onésime
    5. Moussa Omar
    6. NDUWARUGIRA Christophe
    7. NIZIGIYIMANA Abdoul Karim
    8. HARERIMANA Rachid Léon
    9. NSABIYUMVA Frédéric
    10. NGANDO Omar
    11. NSHIMIRIMANA David
    12. DELANYS Valentin Adelin
    13. BEMBO Leta Joel
    14. KWIZERA Pierre
    15. BIGIRIMANA Gaël
    16. NDAYISHIMIYE Youssouf
    17. DUHAYINDAVYI Gaël
    18. NAHIMANA Shassiri
    19. SABUMUKAMA Enock
    20. SHABANI Hussein
    21. AMISSI Mohammed
    22. NDIKUMANA Yamini Selemani
    23. AMISSI Cédric
    24. MUSTAFA Francis
    25. BERAHINO Saido
    26. Abdoul Fiston
    27. MAVUGO Laudit
    28. KAMSOBA Elvis

Recommended for you