NEWS

Urupfu rwa NDADAYE : Umuntu agira gatanu yumvirijwe

By

on

Ubutungane bw’Uburundi bwumvirije kuri uwu wa mbere François Ngeze yahoze ari umushikiranganji wa mbere ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Petero BUYOYA. Yumvirijwe na Sylvestre NYANDWI, umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika, ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere, abazwa kuvyo yoba azi kw’igandagurwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE yishwe muri Gitugutu 1993.

François Ngeze abaye umuntu agira gatanu mu kiringo c’iminsi itatu gusa yumvirijwe n’ubutungane, mu matohoza ku bateguye bongera bashira mu ngiro iyicwa ry’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE.

Mu gihe bane ba mbere bahoze ari intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi bumvirijwe inyuma y’aho bagaca batwarwa mw’ibohero, François Ngeze siko vyagenze kuko ahejeje kwumvirizwa yaciye ataha, nk’uko vyemezwa na Agnès BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa.

François Ngeze asanzwe ubu agendana ubumuga kuko yaciwe amaguru yose bitewe n’ingwara, niwe inyuma y’igandagurwa rya Melchior NDADAYE yashizwe imbere n’umurwi w’abasirikare bari batembagaje ubutegetsi, abwirwa ko ariwe yosoma itangazo rivuga ko ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Melchior NDADAYE bwatembagajwe, akaba mbere yarabaye umukuru w’igihugu w’imfatakibanza iminsi mike.

Recommended for you