Sunday, March 26, 2023
HomeInternational newsUrupapuro rw’urucanco rwa Covid19 ku ngenzi “passport vert” rugiye kujaho

Urupapuro rw’urucanco rwa Covid19 ku ngenzi “passport vert” rugiye kujaho

Mu gihe hariko haratangwa incanco za Covid19 mu bihugu vyo kw’isi, ibihugu bimwe bimwe vyatanguye kushiraho urupapuro rw’urucanco rwa covid19 ku ngenzi zavyo.Covid-19 : personnes guéries, test négatif… Qui pourra prétendre au «  passeport vert » envisagé par

Nkuko tubikesha ikinyamakuru Le Parisien, ibihugu bimwe bimwe nk’ubushinwa canke Bahrein biramaze kugira urwo rupapuro rw’urucanco rwa covi19 ku banyagihugu bavyo bituma batembereranira ata ngorane. Ubu naho ico kibazo c’urwo rupapuro rw’urucanco rwa Covid19 kikaba kiriko kirirwa mu muryango w’ubumwe bwa buraya.

No mu bihugu  vya Israel na Grece vyamaze kwumvikanako ukwo bagiye kushiraho urupapuro rumwe rw’urucanco rwa Covid19 ku banyagihugu bavyo; urwo rupapuro rukazoba ruri mu buhinga bwa none (numerique). Iciza c’urwo rupapuro, nuko ruzofasha cane ku ngenzi zizofata ingendo mu bihugu bitandukanye kw’isi ; ndetse urwo rupapuro rushobora kuzoba itegeko ku ngenzi yose izofata indege canke ikajabuka umupaka w’ikindi gihugu.

Ku bihugu bitakiriye urucanco canke bikatanga urucanco rudakwiye ku banyagihugu bavyo bishobora kutazohabwa uruhusha rwo gutanga urwo rupapuro rw’urucanco kubanyagihugu bavyo; hanyuma bitume abo banyagihugu  bavyo batemererwa kuzofata ingendo  na zimwe mu bindi bihugu vyo kw’isi.

Must Read