NEWS

Urunani Rw’Abashingwamanza CAVIB Rwarungitse Ibindi Birego Muri CPI Ku bagirizwa Amabi Mu Burundi.

on

Urunani rw’abashingwamanza mu Burundi ariwo CAVIB( COLLECTIF DES AVOCATS POUR LA DEFENSE DES VICTIMES DE CRIMES DE DROIT INTERNATIONAL COMMIS AU BURUNDI ” CAVIB) rwasubiye gushikana ibindi birego bishika ku 49 muri ya Sentare Mpuzamakungu Mmpanavyaha CPI kugira ngo abagirizwa bacirwe urubanza hisunzwe amabi bakoze mu Burundi.

Mu rwandiko urwo runani rwashize ahabona, Urwo runani ruriyamiriza rwivuye inyuma amatora yoguhinyanyura ibwirizwa shingiro yitezwe ku wa 17 Rusama 2018, ko ariko ategurwa ku bw’inyungu gusa z’umugambwe uri ku butegetsi.

CAVIB ikamenyesha ko ishimira abantu babandanya barya umutikma amenyo maze bakarengera uguterwa ubwoba n’abategetsi maze bakarungika muri sentare Mpuzamakungu CPI ivyemeza vy’amabi yagiye arakorwa; aho ni mungihe amatohoza y’iyo Sentare ariko akorwa ku Burundi.

https://twitter.com/CavibBurundi/status/982280228377636865

CAVIB imenyesha iti: “Bivanye n’uko yiyemeje gufasha mu kurwanya ukudahanwa mu Burundi,..Urunani rw’abashingwamanza CAVIB rwarungitse ibirego 49 bindi bishasha muri Sentare Mpanavyaha Mpuzamakungu CPI,ahaca hiyongerako ama dosiye amajana amaze gushika muri CPI isanzwe iriko ikorako amatohoza ku mabi yakozwe mu Burundi“.

Naho Uburundi bwavuye muri Sentare Mpanavyaha mpuzamkungu CPI, iyo sentare iracafise ububasha bwo gukora amatohoza ku mabi yakozwe mu gihe igihugu c’uburundi cari kikiri muri iyo sentare.

Recommended for you