Urunani rw-amakopeke mu Burundi FENACOBU ruherutse gutangaza ko rugiye kuzoza rurakata amafaranga 150 FBU ku bubiko bw-abanywanyi bw-amakopeke. Urwo runani imvo rwatanze kw-iryo katwa ry-ayo mahera ni uko ayo mafaranga agiye kuzoza afasha uwuzoba yabuze uwiwe canke umuryango w-uwitavye Imana.
Iyo ngingo ikaba yatanguye kwiyamirizwa n-amwe mu mashirahamwe. Mw-itangazo ryashizwe ahabona n-ishirahamwe CACADEBU, ribonako ko iyo ngingo yoba irabangirwa maze Coopec ikabanza kuganira n-abanywanyi bayo kugira iyo ngingo yoroshwe canke ikore kubavyishakira.
Irindi shirahamwe ryagize ico rinegura kw-iyo ngingo, ni ishirahamwe ACOPA Burundi, iryo naryo rikabonako iyo ngingo ije gutera icuka kibi mu miryango cane cane ko igabura abana bamwe ntibaronke kuri ayo mafaranga. ACOPA Burundi igasaba umurwi w-igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, ibanki nkuru ya Republika y-uburundi BRB hamwe n-ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu gukurikiranira hafi iyo ngingo yafashwe na FENACOBU.