Sunday, May 28, 2023
HomeNewsUrunani rw-amakopeke FENACOBU ruranegurwa ku ngingo rwafashe yo gukata ku mishahara abanyanyi...

Urunani rw-amakopeke FENACOBU ruranegurwa ku ngingo rwafashe yo gukata ku mishahara abanyanyi barwo 150 Fbu.

Urunani rw-amakopeke mu Burundi  FENACOBU ruherutse gutangaza  ko rugiye kuzoza rurakata amafaranga 150 FBU ku bubiko bw-abanywanyi bw-amakopeke. Urwo runani imvo rwatanze  kw-iryo katwa ry-ayo mahera ni uko ayo mafaranga agiye kuzoza afasha uwuzoba yabuze uwiwe canke umuryango w-uwitavye Imana.Accueil

Iyo ngingo ikaba yatanguye kwiyamirizwa n-amwe mu mashirahamwe.  Mw-itangazo ryashizwe ahabona n-ishirahamwe CACADEBU, ribonako  ko iyo ngingo yoba irabangirwa maze Coopec ikabanza kuganira n-abanywanyi bayo  kugira iyo ngingo yoroshwe  canke ikore kubavyishakira.

Irindi shirahamwe ryagize ico rinegura kw-iyo ngingo, ni ishirahamwe ACOPA Burundi, iryo naryo rikabonako iyo ngingo ije gutera icuka kibi mu miryango  cane cane ko igabura abana bamwe ntibaronke kuri ayo mafaranga. ACOPA Burundi igasaba umurwi w-igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH, ibanki nkuru ya Republika y-uburundi BRB hamwe n-ubushikiranganji bujejwe agateka ka zina muntu gukurikiranira hafi iyo ngingo yafashwe na FENACOBU.

Must Read