NEWS

Urunani CNARED rusaba imigambwe irugize kuja hamwe mu matora yo mu 2020

By

on

Ivyo bikaba biri mwitangazo urwo runani rwasohoye kur’uyu w’Imana mu gihugu ca Ouganda kumwagwa mukuru Kampala. Urwo runani rurimwo imigambwe itavuga rumwe n’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rusaba imigambwe yemewe n’amategeko iri mur’urwo runani ko yoja hamwe kugira yitabe amatora yo mu 2020 asigaje amezi atandatu gusa ngo abe.

(Isanamu ya kera)

Urwo runani rugashima ko iyo migambwe yumvise ako kamo yatewe kugira ije mw’ihiganwa ryo mu matora yo mu 2020. Urunani CNARED rugasaba iyindi migambwe yose itavuga rumwe n’ubutegesti ko yoja hamwe kugira igire ihuriro rimwe mu matora yo mu 2020.

Ariko urwo runani ruvuga ko rubabazwa n’ingene Leta y’i Bujumbura itorohereza abari mu migambwe itavuga rumwe nayo hakoreshejwe inguvu no kubuza bamwe bamwe mu banyepolitike ngo ntibitabire amatora yo mu 2020.

Urunani CNARED mur’iryo tangazo barasaba abarundi bose n’amakungu gukora ibishoboka vyose kugira amatora yo mu 2020 azobe amatora arimwo bose kandi yisanzuye.

Recommended for you