NEWS

Urunani CNARED ruriyamiriza ifatwa ry’amatungo yabagirizwa itembagazwa ry’ubutegetsi

By

on

Mw’itangazo ryasohowe itariki 20 n’urunani CNARED, umuvugizi w’urwo runani, Onesime Nduwimana, amenyesha ko amatungo yabo bantu yafashwe n’ubutungane ari amatungo y’umuryango nkuko amategeko abivuga. Urunani CNARED rukavuga ko rwiyamirije iyo ngingo mfatakibanza ya sentare ntahinyuzwa irikumwe na parquet nkuru y’igihugu ngo kuko ivyo bishobora kuvyura izindi ntambara nkizo mu mwaka w’i 1972.

Onesime Nduwimana nawe nyene arimwo mur’urwo rutonde rwabatswe amazu akaba yahora avugira umugambwe CNDD-FDD akavuga ko iyo ngingo ije muzindi ngingo zo guhohotera abatavuga rumwe na Leta, kandi iyo ngingo ari ubutumwa kubatavuga rumwe na Leta mw’itunganywa ry’amatora yo mu 2020. Onesime Nduwimana, avugira urunani CNARED, akavuga ko abatavuga rumwe na Leta babangamiwe kandi n’abakozi b’iperereza, abapolisi, Imbonerakure hamwe n’abajejwe intwaro.

Umuvugizi w’urunani CNARED aragabisha uwo wese azogura canke ngo yihagire ayo matongo n’amazu ko azobibazwa ubu no muri kazoza kandi kw’ayo mazu azosubizwa beneyo harimwo n’indishi y’akababaro.

 

Recommended for you