NEWS

Urunani CNARED Rumemyesha Ko Rutazokwitaba Ibiganiro Vyimirije I Arusha.

on

Urunani rutavuga rumwe na Leta y’Uburundi, arirwo CNARED, rwamenyesheje ko rutazokwitaba ibiganro bihuza Abarundi bitegekanijwe kubera mu gihgu ca Tanzaniya mu gisagara ca Arusha. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Pancrace Cimpaye(umuvugizi wa CNARED) mw’itangazo urwo runani rwasohoye ejo ku musi wa gatatu itariki 15 Munyonyo 2017.

Nkuko urwo rwandiko ruvyerekana,ku bwa Pancrace Cimpaye, ico cicaro c’ibiganiro cimirije kubera i Arusha kigamije » guhamba burundu Amasezerano y’i Arusha ». Ivyo biganiro bihuza Abarundi bikaba bitegekanijwe kuba ku magenekerezo ya 26 Munyonyo gushika ku 8 Kigarama 2017.

Ku bwa CNARED, ivyo biganiro bigamije gushira mu minwe ya leta y’Uburundi ibiganiro maze bikaza birabera mu Burundi aho kubera hanze y’igihugu, nkuko abatavuga rumwe na leta bavyipfuza.

Pancrace Cimmpaye akaba amenyesha ko ababajwe kuba ibiro vy’ubuhuza mu biganiro bihuza Abarundi vyarahagaritse umubonano na CNARED wategekanijwe imbere y’igihe ko wobaye ku magenekerezo ya 18 na 19 Munyonyo 2017. Urunani CNARED rukaba rusaba abajejwe gufasha muri ivyo biganiro bihuza Abarundi ko batofasha muri ivyo biganiro vyimirije.

Recommended for you