NEWS

Urunani CNARED ngo rurashaka kuja mu matora yo mu 2020

By

on

Mw’itangazo urwo runani rwasohoye kuruyu w’Imana, umunyamabanga nshingwabikorwa w’urwo runani avuga ko CNARED yifuza kwitaba amatora yo mu 2020 ariko CNARED ikavuga ko urubuga rwa politike rwugaye, uguhohotera abatavuga rumwe na Leta no kunyuruzwa bibandanya. CNARED ikavuga ko habuze ugushaka kukuganira mu nyapolitike n’ukuvuga hagati ya Leta n’abo batavuga rumwe.

Ivyo biganiro ngo vyotuma haba haba amahoro n’umutekano mu gihugu mu ntumbero yo gutunganya amatora ameze neza. Urwo runani CNARED rugasaba Leta y’Uburundi ko yaganira vuba na vuba n’abo bose bafise ico bavuga ku gihugu cabo n’abatavuga rumwe nayo. CNARED ikavuga ko izobandanya urgamba rwoyo rwo kubahiriza amasezerano ya Arusha.

Iryo tangazo rihamagarira amakungu kubandanya ihanura Leta y’Uburundi kuganira kugira amatora yo mu 2020 abe hari icuka ciza. Ngw’ivyo vyotuma Uburundi budasubira kugwa mu ngorane zisubiriza.

Recommended for you