NEWS

Urukurukuru ku kwitoza kwa Denise Nkurunziza mu 2020.

on

Umumenyeshamakuru, Serges Nibizi, yahoze akora muri Radio itavuga rumwe n’ubutegetsi RPA, yanditse inkuru yiwe kuri Twitter iriko irabica bigacika ku mbuga ngurukana bumenyi bamwe bakibaza iyo yakuye iyo nkuru.

Serges Nibizi akaba yavuze ko ‘hoba hari umugambi wa Denise Nkurunziza, umutambukanyi w’umkuru w’ogihugu c’Uburundi, wo kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihjugu c’Uburundi ngo asubire mu kibanza umunega wiwe yahoramwo’.

Muri iyo Twitter ya Serges Nibizi, SN News, akamenyesha ko iyo nkuru yo kwitoza kwa Denise Bucumi Nkurunziza ‘iteye impari mu mugambwe uri ku butegetsi, CNDD-FDD’.

Abamwishura kuri ayo makuru yiwe baramubaza iyo iyo nkuru yayikuye yo kwitoza kwa Denise Nkurunziza.

Hari n’abandi bamuvuguruza bavuga ko nyabuna ari abahungu ba Nkurunziza baramukiwe kuja mu kibanza ca se wabo mu kuyobora Uburundi.

Biragararaga cane ko mu mugambwe CNDD-FDD hashobora kwibonekeza ukutumvikana ku muntu azoserukira uwo mugambwe mu matora ya 2020 kugira ashobore guhangana na Agathon Rwasa.

Soma kandi: Agathon Rwasa amenyesha ko azokwitoza mu 2020, mwe mubona afise amahirwe?

Hari mbere n’abibaza ko hoba hamaze kuja impande zibiri zitumvikana kuri ico kibazo cokurungika uwuserukira CNDD-FDD mu matora ya 2020.

Soma kandi: Ibihangange muri CNDD-FDD bihiganirwa kuja mu kibanza ca Petero Nkurunziza.

Hakaba havugwa cane ko Evariste Ndayishimiye ashobora gutangwa nk’umukandida wa CNDD-FDD mu matora ya 2020, ariko adahurizwako n’impande zose muri uyo mugambwe.

Recommended for you