NEWS

Uruhigi ku Nyankamugayo za Rwasa Agathon!

on

Mw’iyi misi ya vuba, hagize imisi hibonekeza uruhigi ku banywanyi bwa CNL, biyita Inyankamugayo, umugambwe wa Rwasa Agathon aho hibonekeza abasambura inyubakwa zuwo mugambwe mu bice bitandukanye vy’igihugu.

Abanywanyi bamwe b’uwo mugambwe barafunzwe abandi baromotse kubera uguhigwa buhongo nk’uko bimenyeshawa n’wo mugambwe.

Kw’ifoto hano hepfo, herekana umukuru w’wo mugambwe, Agathon Rwasa yagendeye umunywanyi wiwe yakubiswe arashaya gushika naho aja mu bitaro kuvurwa.

Bamwe bamwe babona ko ari ukutihanganiranira mu vya politke gukorwa na bamwe bamwe mu batware barenza irugero muri CNDD-FDD badashaka kubana nabandi Barundi batari muri CNDD-FDD.

Ariko nk’uko CNL ibandanya kubishira ahabona, abanywanyi batari bake babandanya bisukira muri uyo mugambwe, mbere bamwe bava muri CNDD-FDD, kugira barabe ko boha amahirwe Rwasa Agathon atware igihugu c’Uburundi mu mwaka wa 2020 inyuma yo kugerageza CNDD-FDD mu myaka 15.

Mu ntara zimwe zimwe, haribonekeje abantu baturiye bongera barasambura ingoro za CNL kandi zari zimirijwe kwinjirwa ku mugaragaro.

Nk’uko umugambwe CNL wabiwye RFI, Imbonerakure za CNDD-FDD nizo ziri inyuma y’umugambi mubi wo kubomora no guturira ingoro z’umugambwe CNL.

Recommended for you