NEWS

Urugendo Rwa Michel Kafando Rurateye Amakenga Nk’uko Abatavuga Rumwe na Leta Babivuga

on

Urugendo rw’Intumwa idasanzwe ya ONU mu Burundi, Michel Kafando rwarasize ibibazo bitari bike na cane cane mu batavuga rumwe na leta. Naho yabonanye na Leta y’Uburundi, abandi begwa n’ikibazo c’Uburundi barabwiwe gusa intumbero y’urugendo rwiwe ko ari ukuraba uko vyifashe mu bijanye n’amashirahamwe ya ONU akorera mu Burundi.

Leonce Ngendakumana, icegera c’umukuru w’umugambwe FRODEBU, yabwiye iradiyo imwe ati : « Twarahawe amakuru y’urugendo rwa Michel Kafando gusa yiwe biciye ku binyamakuru, hama tumaze gutohoza, twasanze mu vy’ukuri ari i Bujumbura. Ivyo turabizi. Ivyo tutazi, ni intumbero y’urugendo rwiwe, imvo ziri inyuma y’urugendo rwiwe. Ikizwi kandi cizewe n’uko Michel Kafando ari intumwa Idasanzwe y’umunyamabanga mukuru wa ONU kugira akurikirane ibijanye n’ikibazo co kugarukana amahoro mu burundi, kandi tuvuze ikibazo c’ukugarukana amahoro mu Burundi haba harimwo kubonana n’impande zose zegwa n’ico kibazo ni ukuvuga leta y’uburundi hamwe n’imigambwe itavuga rumwe na leta kugira bifashe umuhuza mu gutorera inyishu ikibazo c’uburundi ».

Abatavuga rumwe na leta bakaba barabajije mu biro vya ONU hano mu Burundi maze babwirwa ko urugendo rwa Kafando ari urwo kwihweza ibibazo binaka, ku bijanye n’ikora ry’amashirahamwe akukira ONU, ko ata mugasmbi yari afise wo kubonana n’abatavuga rumwe na leta.

Iyo nyishu ibiro vya ONU mu Burundi vyahaye abatavuga rumwe na Leta ntiyabashitse ku nyota kuko bobo bazi ko Kafando yabonanye na Edouard Nduwimana, umuhuza w’abarundi, yarabonanye ubwa mbere n’umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu, Alain Aime Nyamitwe. Ntibizwi nimba yahavuye abonana namashirahawemwe adaharanira ivyicaro vya politike hamwe n’imigamwe itavuga rumwe na leta, mugabo kandi akaba atashimye kubonana n’abamenyeshamakuru.

Recommended for you