Sunday, March 26, 2023
HomeNewsUrucanco rwa covid ,hari umurwi w-abarundi watanguye kuruhabwa.

Urucanco rwa covid ,hari umurwi w-abarundi watanguye kuruhabwa.

Mu gihe igihugu c-uburundi kitariko kironswa urucanco rwa Covid19 m-umugambi wa Covax nk-ibindi bihugu vya afrika, abasirikare b-abarundi bari kugarukana amahoro mu giihugu ca Centrafrique bobo baza batanguye  kuhabwa urwo rucanco.Image

Bicishijwe k-urubuga rwa Twitter, igisirikare c-uburundi camenyesheje ko catanguje urugamba rwo gucandaga abasirikare bari mu butumwa bwa ONU bwokugarukana amahoro mu gihugu ca centrafrique ariko kikavuga koi zo ncanco zitangwa kubazisha ko Atari ku gahato.

Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi be n-ica Tanzaniya  arivyo vyoba bitari mu mugambi wa Covax w-ibihugu vya afrika biriko bihabwa incanco z-ikiza covid19 , imvo uburundi bwatanze bubicishije k-umushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA, umuganga Thadee Ndikumana n-uko ngo butanse urucanco rw-ico kiza kihanze isi ahubwo ko bubaye burabangira inyuma yuko ishirahamwe mpuzamakungu ry-amagara y-abantu kw-isi OMS ryemeza k-umugaragaro urucanco  rw-ukuri rwoZA rurwanya ico kiza. Ariko mu nyuma imvugo yahavuye iza irahinduka bukebuke aho nyene uwo mushikiranganji yahavuye atangaza ko uwoba akeneye urwo rucanco yogenda akarusanga iyo ruriko ruratangwa agaheza akagaruka mu gihugu.

 

Must Read