Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUrubanza rwaciwe na sentare ya EAC ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza...

Urubanza rwaciwe na sentare ya EAC ku kiringo ca gatatu ca Nkurunziza ruriko rukoreshwa ku mvo za politike (Nestor Kayobera).

Urubanza ruheruka gucibwa na sentare y’umuryango wa Afrika y’ubuseruko ku bijanye n’ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurinziza ni urubanza rwaciwe nk’izindi manza zose. Bishikirizwa na Nestor Kayobera,umukuru w’iyo sentare aho yabishikirije kuri uyu wa mbere mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru ku bijanye nuko iyo sentare ya EAC ikora. Kayobera kandi avuga ko icika ry’urwo rubanza ririko rikoreshwa na bamwe ku mvo za politike.

Nestor Kayobera ati :«Rurya rubanza jewe ntaco ndaruvugako kuko ni urubanza nk’izindi manza. Rwacitse nkuko izindi manza zicika.hama ruriko rurakoreshwa muri politike»

Tubamenyeshe ko sentare ya Afrika y’ubuseruko mu gisata cayo gisubiramwo imanza mu rubanza yaciye kuwa 25 Munyonyo 2021 yavuze ko ikiringo ca gatatu c’umuhisi Perezida Nkurunziza giciye kubiri n’amategeko. Ariko urwo rubanza rukaba rwagiye gushirwa ahabona inyuma y’ikiringo cababa umwaka wose rumaze ruciwe.

Must Read