NEWS

Urubanza rw’abagirizwa kwica Ndadaye rwatanguye imbere y’amatora ya 2020

on

Urubanza rw’abagirizwa kwica uwahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Melchior Ndadaye, rwatanguye kuri uyu wa kabiri mu ntara ya Gitega imbere y’amatora ya 2020 hasigaye amezi umunani ko amatora aba.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko urwo rubanza rufise imvo za politike cane kubera ko abagirizwa bari muri urwo rubanza bava mu bwoko bumwe bw’abatutsi.

Mu bagirizwa muri urwo rubanza higanjemwo abasirikare bava mu bwoko bw’abatutsi.

Bamwe muri abo basirikare bakaba barakukurutse mu kazi kabo ariko bamwe bisanze bafashwe ku mutahe w’ubutungane bw’Uburundi mu mwaka uheze.

Abo bariko baburanihswa ku bwo kugandagura Ndadaye bakaba bahagaritswe ku wa 24 Munyonyo 2018 maze barindira urubanza rwabo.

Mwomenya ko Melchior Ndadaye yagandaguwe ku wa 21 Gitugutu 1993 inyuma yaho ashikaniye igihugu c’Uburundi ku ntwaro ya Demokrasi.

Recommended for you