Mubisanzwe tuzi yuko ibihugu vyacu ko biyoborwa n’abaperezida, aba minisitiri b’intebe, abami hamwe nabandi benshi tutovuga ngo duheze. Gusa benshi mu banyabwenge bemera ko ukuri kuri kubiri: hari ukuri tubona, hakongera hakaba hariho nukuri tutabona, akenshi ugasanga uko tutabona ari kwo kwa nyakwo.
Buri muntu wese kuri iyi si aba afise abamukunda, abamwanka, abifuza ko atera imbere, abamusumba canke abo aba asumba. Gusa abantu benshi baracibaza bati “Mbega iyi si ninde ayirongoye?” Abanyamadini bavuga ko isi iri mu maboko ya Satani, ariko igihe kikaba kizagera uwayiremye akayisubiza. Gusa ikigaragara nuko ibibera kwisi vyose hari ababa babiri inyuma kandi haba hari inyungu baba bafise. Illuminati hamwe na Freemason akaba arivyo vyambere bikunzwe kuvugwa ko arivyamashetani.
Aha ndabanza kubamenyesha ko kubivuga ntabwo bivuze ko ndavyemera canke ko ntavyemera, ico nashatse ni kwishura ibibazo bamwe batubajije bashaka kugira ico bamenya kubijanye na Freemason hamwe na illuminati.
Illuminati ni iki?
Kuvuga kuri Illuminati ni ibintu bitoroshe vyasaba kwandika ibitabo kandi n’ubundi biza vyarakozwe, ndetse bimwe na bimwe twarabisomye, cane cane ”The 13 Satanic Bloodlines of Illuminati ca Fritz Springmeier na ” Cosmic Trigger: the Final Secret of The Illuminati ca Robert Anton. Kugirango umenye Illuminati kandi, bisaba kuba uzi ibindi bintu vyinshi vyerekeranye n’utundi tuntu tw’ibanga (secret societies), ubwo rero akaba arivyo ngomba ndababwire kubijanye nutwo tumenyetso twabo twibanga.
Ubundi Illuminati biva mw’ijambo ry’ikilatini illuminatus bishatse kuvuga ati ‘uwumurikiwe’ illuminati rikaba riri mu bwinshi (plural). Abantu bose bavuga amategeko ya illuminati bemeza ko ari akantu k’ibanga (secret society) kashinzwe na Adam Weishaupt wari umwarimu muri Kaminuza ya Ingolstadt muri Bavière (Bayer) mu Budage, hari itariki 1/5/1776.
Uyu niwe mugabo yashinze Illumanati Adam Weishaupt ” mwese muramuzi kuko ari kwi Dollar rimwe ry’america
Uwo mugabo yari asanzwe ari mu muryango wa Freemason, uyu ukaba ari umuryango n’ubu ukiriho, uhuza abantu batandukanye bahuriye kw’ibanga ubwabo bazi bonyene, gusa ikizwi nuko badasenga Imana, ahubwo bemera uwo bita Umwubatsi Mukuru w’Isi (Le Grand Architecte de l’univers). Ibi abakristu bakaba babifata nko gusenga Shetani. Ico twababwira nuko Freemason ntabwo ishingiye kwidini kuko habamwo abakristu, aba islam hamwe n’abo muyandi madini.
Abantu bo muri Freemason barakundana cane, kandi usanga bafise imyanya ikomeye mu bihugu vyabo, kandi bamwe mu bayobozi bomubihugu naba Freemason, ukarorero kari hafi ni nyakwigendera Omar Bongo Ondimba yari umukuru wigihugu ca Gabon, benshi mu batwara Africa y’epfo mu gihe ca Apartheid n’abandi ubu bakiri ku butegetsi.
Uyu ni Omar Bongo Ondimba yahoze ari umukuru wigihugu ca Gabon, yapfuye ari umu Freemason mumwaka 2009
Adam Weishaupt rero nawe yari asanzwe ari muri Freemason kandi n’abantu bavugwa muri Illuminati ubu usanga bari ku rwego rwo hejuru muri Freemason. Imyemerere y’uwo mugabo yari iy’abemera Imana muri iki gihe twakwita iya gipagani kuko yari umuhakanyi wa mbere, akaba kandi umuntu wemera ko umuntu agomba kugendera kuvyashaka vyose, atitaye ku yandi mategeko niyo yaba yitwa ko ari ay’Imana. uyo mugabo yakora ibikorwa vy’ubukonikoni (magic), ubupfumu (yes, n’abazungu barabikora) n’ibindi bidasanzwe. Urwo rwego rwa Illuminati rwaje gucibwa muri Bavière, biba ngombwa ko bakorera mu bwihisho kugera muri za 1970, n’ubu bakaba bagikora.
Haba kuri internet, mu binyamakuru canke mu bitabo bitandukanye, usanga amadini yabakristo , cane cane ay’abarokore (evangelists) akunda kuvuga kuri Illuminati nk’igikoresho ca Shetani. illuminati yashinzwe isa nk’iyikuraho imico yi gipfumu no kuramya Imana z’abaromani n’abagiriki. Muri iyo mico dusangamwo ibikorwa abakirisitu bazira cane nk’ubusambanyi burenze burimwo kuryamana kubantu bo mu muryango umwe (inceste), gutanga imibiri y’abantu, ubwicanyi bw’indengakamere, gufata ku nguvu impinja, kurya abantu no kunywa amaraso yabo n’ibindi. Usangamwo kandi kwemera ibimenyetso bimwe na bimwe nk’izuba, ukwezi, ibiharuro bimwe bimwe nka 3,7,11,13, 32,33, hamwe na 666, izi namba nazo 666 zikaba zitera ubwoba abantu benshi kuko nizashika bizaba bikomeye.
Ikindi abakristu baheraho bavuga ko Illuminati ko basenga Shetani ni iryo zina nyene illuminati (abamurikiwe) mu gihe irindi zina rya Satani ari Lucifer (ufashe urumuri). Inyigisho yabo kandi ivuga ko buri muntu agomba kuba nyamwigendaho, agakora ivyo ashatse vyose. Muri make niwiba canke niwasambana ukumva uravyishimiye ubwo bizaba ari vyiza; ibi bikaba bitandukanye n’abemera Imana bavuga ko itandukaniro ry’iciza n’ikibi riri mu mategeko 10 y’Imana yatanze ku bakristu canke muri Qur’an kuba islam .
Ibindi bimenyetso vya Illuminati ni nk’ijisho rimwe (The Eye of Horus, ryarindi riri kw’idolari), igishushanyo ca pyramide (kiri kwidolari ry’Amerika n’ahandi, Idolari ry’Amerika ririho ibimenyetso vyinshi cane vya Freemason, nkarirya jisho rimwe riri kwi Dollar (The Eye of Horus, ariko hari abavuga ko ari irya shetani) na pyramide
Intego za Illuminati
Intego ya Illuminati nimwe: gukuraho icitwa ubutegetsi bwose kuri iyi si, abantu bakabaho uko bashatse, nta mipaka, nta bihugu. Hakabaho Government imwe, ifaranga rimwe, ururimi rumwe, mbese hakavaho ibitandukanya abantu vyose. Ibi bintu uvyumvise uku wahita uvuga ko ari vyiza cane ahubwo bikwiye gushigikirwa, ariko uburyo bakoresha kugirango bizagerweho (intambara, jenoside, inzara, indwara zidakira,…)ni bibi cane ku buryo vyaba vyiza tugumye uko turiho ubu.
Bivugwa ko intego ya mbere ya Illuminati yabaye ishingwa rya Leta Zunze ubumwe z’Amerika, nubwo illuminati yashinzwe itariki 1/5/1776, USA isinya ubwigenge itariki 4/7/1776.
Muri urwo rwego bakoresha ibishoboka vyose ngo batangatange abantu bose b’isi (kuva ku mwenegihugu w’Amerika kugera kuwo muri Somalia) babinyujije mu nzego zitandukanye nk’ubukungu, ubuzima, imibereho rusangi ndetse n’imyidagaduro. Aha rero niho uri bubonere ko Illuminati ifise uruhare runini mu mibereho yacu kurusha uko tuvyibazaho.
illuminati bashaka ko abantu bata ubuntu, mbese bagafasha hasi ivyo twita indangagaciro na kirazira. Ivyo babikora bafata imico ishobora kugaragara nk’aho ari mibi, bagakora ku buryo ifatwa nk’ibigezweho, nk’ibintu biri cool, bityo bigatuma uruvyiruko rubikurikiza. Aha natanga urugero rw’ababana bahuje ibitsina (Gays and lesbians). Kuri ubu ibi bintu bifatwa nk’ibisanzwe, ku buryo iyo wihaye kubirwanya ufatwa nk’umuntu udasobanutse, w’umunyamusozi, wanka ikiremwa muntu (Homophobe) n’ibindi.
Ubusambanyi: aba illuminati baziko gukoresha imbaraga z’igitsina ko ari bimwe mu bintu bizatuma tuba nk’abacakara, ntituzabashe kubigaranzura. Ibi rero babikora bifashishije amashusho mu binyamakuru, internet na za films zitandukanye zerekana abantu bambaye ubusa canke bakora imibonano mpuzabitsina, vyose bikaba bigamije gutuma abantu bakora imibonano mpuzabitsina kenshi, bakabikorana na benshi bashoboka, ntibagire ikindi batekereza kizima.
Ibi babifashwamwo na films za Hollywood kandi bagakora ku buryo arizo zija imbere. Aha natanga nkakarorero kuri film imwe yitwa Juno yasohotse muri 2007. Iyo film uyiravye wabona atari nziza, ikaba ivuga ku mwana w’imyaka 16 watwaye inda… Iyo film yahawe ibihembo vyinshi, iravugwa cane kwisi, ariko zimwe mu ngaruka zayo zabaye nko muri leta imwe ntibuka neza basanze hari abana b’abakobwa benshi biyaranje bagatwara inda batarageza imyaka 18, kuko bumva ari ibintu biri cool… Ibi birakwereka ubushobozi bwa films kandi ba Illuminati ntibabiyobewe.
Inzu zisohora canke zitunganya films zigiye ziri mu maboko ya Illuminati. Aha twavuga nka Paramount (ifise ikimenyetso ca pyramide, ikimenyetso ca Illuminati), Columbia Pictures (ifite ikimenyetso c’umugore ufashe umuriro, ikimenyetso ca Illuminati) na Tristar (ifarasi iguruka, ikimenyetso ca Illuminati). Izo nizo nzu 3 za mbere za Hollywood, bakaba bakora bakanasohora films zijanye na gahunda yabo nyene! Aha ariko sinovuga ngo mureke kuraba films zisohorwa n’izo nzu kuko n’izindi zose zigiye zishimikiye kuri zo! Muri make ntaho muzobacikira…
Mu muziki kandi naho niko bimeze. Abaririnvyi benshi bagiye bavugwa ko bakorana na Illuminati canke ko boba babirimwo. Muri bo hari abagiye bamenyekana cane nka The Beatles, The Rolling Stones, U2 n’andi ma groups menshi ya rock yamenyekanye n’ayo muzi ubu. Bitumye nibuka akaririmbo kitwa ‘Rockstar’ ka Nickelback aho bagira bati “I’ll sell my soul for fortune and fame”, ni ukuvuga ngo “nzagurisha Umutima wanje ngere kubutunzi hamwe n’ubwamamare!” (Kumenyekana)
Ayo ma groups ntabihisha kuko iyo uravye mu majambo y’indirimbo zabo bigenda birimwo. Group irangiza iri muzizwi za rock ko zikorana na Illuminati, ni AC/DC. Ubundi izina ryabo rivuga Alternating current/Direct Current ariko bamwe mu banditsi bavuga ko izina ryabo nyaryo ari Anti-Christ/Death to Christ. Bo rwose ivyabo ni birebire ntawovuga nrwabiheze. Indirimbo zabo ziba zivugira ivyiza vy’umuriro utazima (enfer/hell)!
Mubaririnvyi b’iki gihe benshi bazwi bivugwa ko bakorana na Illuminati na Freemason, n’iyo baba batari abanyamuryango b’utwo dutsiko twombi. Abo ni nka 50 Cent, Lil Wayne, Jay-Z na Kanye West bashirwa mu majwi cane kuba bakorera Illuminati, aho bakoresha ibimenyetso vyayo, indamukanyo yo kuzamura intoki 2, urwa mbere n’urwa kane, bikaba ari ikimenyetso c’amahembe ya Sekibi (Cornes du Diable/Devil’s Horns), umubare 666 n’ibindi. Muri bo hiyongeraho Rihanna, Madonna, Lady Gaga n’abandi benshi cane, aho muri clips zabo hagaragaramwo ibimenyetso vyinshi bitandukanye ivya Illuminati na Freemason.
Binavugwa ko Kanye West (wivugiye ubwiwe ko yagurishije umutima wiwe ) yaba yaremeye ko nyina apfa nk’igitambo co kumenyekana kwiwe…
Bivugwa ko Illuminati ifata abana bakiri bato, bakabatoza hakiri kare (Mind control) kugirango nibakura bazashimangire gahunda za Illuminati mu nzego zitandukanye. Bamwe iyo bakuze bajanwa muri politiki (nk’uko vyagenze kuri Kennedy, Bush,etc), mu bukungu (Rotschild, Rockefeller), abandi bakajanwa muri showbiz (Marilyn Monroe, Elvis Presley, Britney Spears, Angelina Jolie, John Travolta), n’abandi benshi bajanywe mu madini atandukanye harimwo na Kiliziya Gatolika (abakaridinali, abasenyeri n’abapadiri bamwe na bamwe)
Abagiye biha kuvuga nabi Illuminati babiguyemwo. Abo ni nka:
– Bob Marley (yari arwaye ego, ariko indwara ngo buriya siyo yamwishe);
– Tupac Shakur, uzumve indirimbo ziwe” They Don’t Give A F** About Us na Killuminati
– Michael Jackson, uzumve indirimbo ze “Leave Me Alone” na “They Don’t Care About Us”Tupac na Jackson bazize kuvugisha ukuri… John Lennon (wo muri Beatles), Jimi Hendrix n’abandi. Abo baririnvyi kandi bashorwa mu myitwarire mibi (gucana inyuma, kurwana, gusinda, kunywa ibiyovyabwenge, kwiyandarika, kuvuga amajambo mabi) kugirango tubigane, kuko tuba tubemera. Nibo turabiraho impuzu, imishatsi, imvugo n’imyitwarire igezweho…
uyu ni Michael Jackson mubona hano kwifoto hamwe ni Rihanna
Aha Muri Amerika bo baturusha ubwenge kuko indirimbo zimwe na zimwe za hip hop na rock zirimwo amajambo mabi cane batemera ko zumvikana ku maradiyo. Ivyo bituma abaririnvyi bakora versions 2, irimwo imvugo itameshe (dirty)n’idafise ico itwaye (clean). Yes, twebwe ivyo twumva biri dirty… Na films nazo ni uko kuko ku mateleviziyo hari ibidacaho (censored)Abahanga bavuga ko abantu bakeka ko iyisi iyoborwa na Loni cangwa ko ibihugu vyacu biyoborwa naba perezida bibesha cane. Mu vy’ukuri hari inzego zitandukanye zigena ivyiza n’ibibi bigomba kuba kuri iyisi kandi zikabigeraho. Nizo zizamura ibiciro zikabimanura, nizo zigena uburyo inrwara ziyongera cangwa zigabanuka, nizo ziteza ivyago zikanatabara… Izo nzego zigizwe n’abantu bari mu myanya ikomeye muri iyi si, kandi bakora ivyo zateganyije. Urwego rukuru muri zo ni Illuminati.
Muri Illuminati hagiye harimwo abantu benshi bakomeye bagiye bari mu nzego n’udutsiko dutandukanye, aba mbere bakaba aba Freemason. Gusa aba Freemason ni benshi no mu Rwanda,Burundi,Congo Tanzania barahari nta kabuza, ariko muri Freemason habamwo inzego (degrees). Ugeze ku rwego rwa 33 aba ari umuntu ukomeye cane wamaririje mu buhanga bw’umwijima.
uwahoze ari Superstar muri tanzania Steven Kanumba nawe nyene vyunvikana ko yari Freemason
Mu ba Freemasons bamenyekanye harimwo: Omar Bongo Ondimba (wayoboye Gabon), Denis Sassou Nguesso (uyobora Congo-Brazzaville), Idriss Deby (Tchad), Gnassingbé Eyadema (wayoboraga Togo), Paul Biya (Cameroun), Blaise Compaoré (Burkina Faso), Silvio Berlusconi (minisitiri w’intebe w’u Butaliyani), Adam Weishaupt washinze Illuminati, abami benshi b’u Burayi baba abahise n’ab’ubu, abaperezida benshi b’Amerika, Harry, Samuel na Jack Warner (bashinzwe Warner Bros. isohora films nyinshi uraba), abanditsi bakomeye mu mateka n’abandi benshi cane.
Uretse Freemason, hari abandi benshi bakomoka mu tundi dutsiko tw’ibanga. Aha havugwa cane nka Skull and Bones yashinzwe mu 1832 muri kaminuza rurangiranwa ya Yale muri USA. Iyi Kaminuza ibarirwa mu zikomeye, ikaba yarizemwo abayobozi bakomeye muri Amerika nka Bill na Hillary Clinton, ba Bush bombi n’abandi benshi. Abagize Skull and Bones bafise imihango bakorera mu nzu yabo yitwa The Tomb (imva) iri muri iyo Kaminuza, ivyo bakora ni ibanga ariko abahageze bavuga ko habamwo ibikorwa vy’ubupfumu, gutura ibitambo, kuvuga amabanga yabo yose (ibibi bakoze, abagore baryamanye n’uko vyagenze n’ibindi).
Abagize Skull and Bones (bita Bonesmen) bagirana umwunvikano ukomeye kandi bakiyemeza gufatanya igihe cose. Niyo mpamvu ubwo Bush na John Kerry bahiganira ku mwanya wa perezida muri 2004, abantu bamwe bavuga ko uzatorwa wese ari kimwe kuko bombi bari aba bonesmen. Skull and Bones yahaye Amerika abayobozi benshi cane harimwo abaperezida 3 (William H. Taft, George Bush na George W Bush), abasenateri, abajenerali n’abacamanza batabarika.
Council on Foreign Relations (CFR): ni ikigo c’ubushakashatsi mu vyerekeye ububanyi n’amahanga. Ibivugirwamwo ni ibanga rikomeye. Isuzuma ryakozwe ryasanze ½ c’Abayobozi bakuru mu nzego z’ubutegetsi muri Amerika bari muri CFR! Muri bo harimwo Barack Obama n’abamubanjirije (Jimmy Carter, ba Bush, Clinton), abasenateri benshi (Mc Cain wari ‘uhanganye’ na Obama n’abandi), abanyapolitike, abadipolomate, abajenerali, abarimu muri kaminuza, abanyamakuru bakomeye, impuguke zitandukanye, abanyamadini (nka Rick Warren, etc), ivyamamare (Angelina Jolie), n’abandi benshi barenga 4000.
Bildeberger Group: ni itsinda rihuriramwo abanyemari, abanyapolitiki, abanyamakuru n’abandi bantu benshi bakora mu nzego zitandukanye zo kwisi. Ibiganiro bagira biba ari ibanga ariko bigira ingaruka nyinshi mu buzima bwacu. Mu bagize iyo group harimwo ibikomangoma n’abami b’i Burayi, n’abandi bikomerezwa bitandukanye vyo kwisi. Bo bavuga ko mu biganiro vyabo babonera ibisubizo ibibazo vyo kwisi, ariko bimwe mu bisubizo batanga ubwavyo biba bigenewe kuvyara ibindi bibazo…
13 Satanic Bloodlines: ni imiryango 13 yo kwisi ifatwa nk’iyifitemwo amaraso avanze y’abantu n’ay’amadayimoni. Ni imiryango ifise ubutunzi buhambaye, ubutegetsi kuri iyi si ku buryo bakora ico bishakiye. Muri yo harimwo famille ya Astor, Bundy, Collins, Freeman, Kennedy (ikomokamwo John F Kennedy, Robert F Kennedy na Senateri Ted Kennedy bose bitavye Imana), famille ya Li (yo mu Bushinwa), Onassis, Reynolds, Russell, Van Duyn, Rockefeller (famille y’abaherwe bo muri Amerika, ni benshi kandi bamwe muri bo ni aba milliardaires ariko ntiwabasanga ku rutonde ruzwi rwa Forbes), Rotschild (famille y’abayahudi ikomeye cane i Burayi, bivugwa ko utubanki twose two kwisi badufiteho ububasha, harimwo n’iyo wewe ubitsamo. Bivugwa kandi ko ½ ca zahabu yo kwisi ari iyabo).
iyi niyo miryango 13 izwi kwisi ko ifite abantu bivanze namaraso yamajini ” abadayimoni
Kuri iyo miryango hiyongeramwo Merovengian ukomokamqo abami bose b’i Burayi kuva mu mwaka wa 800 nyuma ya Yesu (imiryango y’abami yirirwa ishyingirana ngo bagumane amaraso yabo)! Iyi famille niyo ikomokamwo Lincoln, Bush, Obama, Bill na Hillary Clinton, Dick Cheney, Princess Diana, John Kerry, Brad Pitt, Marilyn Monroe, Céline Dion n’abandi benshi mwamenya mukumirwa…
Abaperezida 4 bafitanye isano: Bush Sr, Obama, Bush Jr na Clinton” Muri make muri abo bose bavuzwe haruguru hari abafise ivyiyunviro vya gikomunisiti, hari n’aba capitalists. Harimwo abemera Imana n’abatayemera, harimwo aba republicans n’aba democrats, harimwo abazi ko barimwo n’abatabizi, abitwara neza n’abitwara nabi, ariko intego yabo ni imwe: kugira isi nk’igihugu kimwe, bakazayitegeka kuko aribo banyabwenge b’ikirenga (illuminati). Muri bimwe mu bitekerezo bafise harimwo kugabanya umubare w’abatuye isi hakoreshejwe intambara, jenoside, indwara, inzara, imitingito (yes, habaho imashini itera imitingito ikomeye) n’ibindi ngo kuko basanga kw’isi hari abantu benshi barya badakora. Ivyo kandi bazabigeraho kuko vyose ari ivyabo : amafaranga, ubutaka, ikirere, amashuri, amadini n’ibitangazamakuru (AFP, AP, Reuters, BBC, RFI, CNN, New York Times, Washington Post, etc)
Ibi nivyo bitangazamakuru bizwi cane kwisi kandi birabwa nabantu benshi ” Freemason niyo ituma abantu babitemberera cane .
Iyo si izayoborwa n’umuntu umwe uva mu muryango w’umwami Dawidi (niwo Yesu akomokamwo, ninawo aba Merovingians bakomokamwo). Aba Kristu umuntu nk’uwo tumwita Anti-christ kuko azaba avuga kwari Kristu, abatari bake bazamwemera kuko azaba akora ibitangaza nkivyayesu ubwo rero Abasenga nimusenge kuko ibiri kurino si birakomeye.