Bafatiye ku cegeranyo c-abahinga bashizweho n-igihugu c-ububirigi kugira bihweze amabi yoba yarakozwe n-ico gihugu mu gihe c-ubukoloni mu bihugu vy-urwanda, uburundi hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo, Vyacurwa bufuni na buhoro n-ububiligi. Ico cegeranyo naco kikavuga ko ivyakozwe ico gihe ari ibara ryo ku mutemere.
Umugambwe w-abadasigana UPRONA ariwo warondeye intahe yo kwikukira kw-uburundi , ukabona ko ari vyiza kubona abo bahinga barashoboye kubona amabi yakorewe ivyo bihugu ukwari bitatu n-ububiligi kandi bakavyandika muri ico cegeranyo kivuga ko ico gihugu cakoze ishano muri ico gihe c-ubukoloni.
Kubwa Olivier Nkurunziza aramutswa uwo mugambwe iki gihe, yibutsa ko igihugu c-ububiligi cagize uruhara rukomeye mw-igandagurwa ry-umuganwa atari umugani RUDOVIKO RWAGASORE hamwe no kubiba amacakubiri y-ubwoko mu gihugu n-inkurikizi zabaye mu nyuma.
Uwo arongoye umugambwe w-abadasigana iki gihe agasaba ububiligi kwemera ivyo bwakoze maze bugasaba ikigongwe hamwe rero no guha indishi y-akababaro uburundi maze ivyo vyotuma abarundi n-ababiligi basubira kunywana.