Tue. Jan 28th, 2020

UPR : Abarwanyi bashasha bemeza ko baje kurwanya NKURUNZIZA

Inyuma ya FOREBU irongowe na Général Godefroid Niyombare, FNL irongowe na Aloys NZABAMPEMA, hamwe na RED TABARA itaramenyesha indongozi zayo, uwundi murwi wemeza ko ufashe ibirwnisho kugira usenyure ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA wavuyse.

Nk’uko tubikura mw’itangazo uwo murwi wasohoye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 12 Ruhuhuma 2016, abarwanyi bahurikiye mu murwi UPR (Union des Patriotes pour la Révolution) wamenyesheje ko ugiye kurwanya ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, ubicishije mu nguvu yaba iza gisirikare canke iza poritike.

Victor NDAYAHARANIRE avuga ko ariwe ajejwe kumenyesha amakuru muri UPR (Union des Patriotes pour la Révolution) yamenyesheje muri iryo tangazo ryatereweko umukono i Karusi, ko ubutegetsi bwa CNDD FDD bwananiwe n’ugutora inyishu z’ibibazo biri mu Burundi, kandi ko ivyo bibazo vyatewe n’uwo mugambwe nyene, ivyo navyo akaba ari uguhonyanga amasezerano y’i Arusha hamwe n’ibwirizwa shingiro.

Muri UPR bavuga ko muvyatumye abagize uwo murwi bafata ingingo y’ugukoresha umuheto ari kubera babonye ko ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA butiteguriye kwibaba ibiganiro bihuza bose mu ntumbero y’ukugarukana amahoro.

Iryo tangazo rya UPR rirangiza rimenyesha ko inzego zigize uwo murwi zizomenyesha mu minsi ya vuba.

Itangazo ryose ry’uwo murwi UPR mukaba mushobora kuryisomera ryose aho munsi :

up