Umwimbu w-isukari ya SOSUMO waragabanutse muri uy-umwaka w-2021, amatoni yababa 5000 niyo yavuyeko ugereranije nayimbuwe mu mwaka uheze w-2020, ni ukuvuga ibice 25%. Ivyo bikaba vyateye amakenga abakozi b-iryo shirahamwe rya Leta .hamwe n-abasanzwe bihereza ico gicuruzwa. Ivyatumwe haba umwimbu ugabanuka harimwo ukudakwirikirana bikwiye igiterwa c-igikaju hamwe n-ikoreshwa ry-ifumbire ya FOMI itarimenyerewe gukoreshwa mw-itabira ry-ico giterwa.
Isekeza ryo kwimbura isukari ryari ryatanguye kuva kw-igenekerezo rya 23 Ruheshi 2021 ryasozerewe mu mpera z-ukwezi kwa Munyonyo uy-umwaka 2021. Mu gihe ishirahamwe SOSUMO ryari ryimbuye amatoni arenga 20.000 mu mwaka uheze w-2020, Uy-umwaka w-2021, umwimbu ungana n-amatoni 15.500 ni ukuvuga ko umwimbu wagabanutse ku bice vyababa 25%. Abakozi b-ishirahamwe SOSUMO bamenyesha ko bafise amakenga baravye umwimbu wabonetse uy-umwaka. «Tufise amakenga menshi turavye umwimbu twaronse uy-umwaka. Twahora twimbura amatoni agera ku 21.000 canke 22.000 ariko uw-umwaka twaronse amatoni 15.500, uwo mwimbu ntushimishije na gatoya» Niko umwe mw-abo bakozi avuga.
Mu biriko bituma haba igabanuka ry-umwimbu w-isukari abakozi b-iryo shirahamwe bamenyesha ko hatabaye gukwirikirana bikwiye igiterwa c-igikaju hamwe no gukoresha ifumbire ya FOMI kandi ico giterwa cari kimenyereye gutabizwa n-umwavu wo mu bwoko bwa «urée).