NEWS

Umwihwezo: ‘Ntivyari Vyitezwe Ko Agathon Rwasa Agifise Abanywanyi Benshi Ukuraho…’.

on


Mw’isekeza ryo kwigisha gutora OYA canke EGO mw’ihinyanyurwa ry’Ibwirizwa shingiro ku wa 17 Rusama 2018, urunani Amizero y’Abarundi rurongowe n’ Umushingamateka Agathon Rwasa, ruriko rugaragara ko rufise abanywanyi besnhi cane mu Burundi bitari vyitezwe mu ntara zitandukanye z’igihgu.

Uhereye mu Cibitoki aho uwo Agathon Rwasa yakiriwe n’abantu isinzi bariririmba bati TORA OYA, ukaja za Ngozi mu mamuko yiwe aho naho yakiriwe n’abantu isinzi ry’abanywanyi biwe, mu ntara ya Rumonge hoho bararimvye bati: “Rwasa niwe tuzotora‘.

Abanywnyi benshi ba Agathon Rwasa amasinzi baharurwa mu bihumbi n’ibihumbi mu gihugu cose ariko agaragaza ko ari inyuma ya Agathon Rwasa ku mugaragaro.Naho hari iterabwoba ryinshi kuri bo, abo banywanyi baremera bakarya umutima amenyo bakemanga ku mugaragaro uwo mushingamateka Agathon Rwasa asanzwe atavuga rumwe na Leta y’Uburundi.

Ku bihweza ibintu n’ibindi, Agathon Rwasa arashobora kuba ‘inzitizi’ mu matora yo mu 2020 kuri CNDD-FDD kubera ko Agathon Rwasa abandanya yigarurira abanywanyi benshi cane bitari vyitezwe. None ubwo azokworohoherwa muri ibi bihe vy’amatora?Ikiboneka coco ubu abanywanyi ba Agathon Rwasa bahora batinya kubivugira ku mugaragaro ubu bariko baragaragaza aho bahagaze,kandi naho baterwa ubwoba bwo kutagaragaza ko bashigikiye Rwasa barabandanya ata camira.

Uko biboneka kwose, naho aya matora ya OYA na EGO hovamwo intsinzi ya EGO, biragaragara ko mu matora ya 2020 umushingamateka Agathon Rwasa azohava aronka amajwi menshi cane…kuko intwaro zama zahindutse bukwi na bukwi abantu batari bavyiteze…

Recommended for you