NEWS

Umwe yatowe ikiziga uwundi akomeretswa n’imvubu

By

on

Umuntu azwi kw’izina rya NZIGAMASABO Léopold yatowe ikiziga ku musozi Kinyinya, ku Mutimbuzi, aho bita mu Rukaramu. Ico kiziga catowe mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itatu.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yatowe ikiziga ari umunyagihugu w’imyaka 25 yiyahuye akoresheje umugozi, mu giporisi bakavuga ko bataramenya icatumye yiyahura.

Mu yandi makuru y’umutekano, umwana umwe yakomerekejwe n’imvubu, aho bita KU MASE. Uwo mwana w’imyaka 12 yoba yari afise uburwayi bwo mu mutwe yariko yagaza iyo mvubu yari ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, ica iramukomeretsa ku kuboko bw’i buryo.

Uwo mwana yaciye ajanwa kw’ivuriro ry’abaganga abatagira imbibe, riri muri karitiye ya Kigobe, mu gisagara ca Bujumbura.

Recommended for you