Thursday, June 8, 2023
HomeNewsUmwe mu bayobozi bo mubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu yishwe arasiwe...

Umwe mu bayobozi bo mubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu yishwe arasiwe muhira.

Chantal HATUNGIMANA ni umukenyezi wo muri karitiye CARAMA ya zone KINAMA, komine NTAHANGWA  mu gisagara ca Bujumbura, yarashwe mu gatondo ko kuri uyu wa mbere. Mu nyuma uwo mukenyezi akaba yahavuye asandabira mu bitaro bimwe vyo mu gisagara ca Bujumbura yari yatwawemwo kugira avurwe ububabare bw-amasase  menshi yarashwe mu nda.Image

Nkuko bivurwa Na Musitanteri wa Komine Ntahangwa, Uwarashe uwo mukenyezi akaba yarafise inkoho yo mu bwoko bwa kalachnikov niko guca amutegera igihe yarasohotse agiye ku kazi kiwe ka misi yose. Iyo nkoho yakoreshejwe kurasa uwo mukenyezi yahavuye nyene kuyikoresha ayita ngaho habereye iryo bara maze aca arurira ipikipiki yari murorereye.

Chantal HATUNGIMANA yishwe arashwe akaba yari umuyobozi mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu ajejwe gutahukana impunzi. Tubamenyeshe ko umutekano uguma mw-iy-imisi uhungabana mu bice bitandukanye vy-igihugu c-uburundi aho n-igisigara ca Bujumbura kitasigaye inyuma kuko ata joro rikijana hatabaye ibitero vya gerenade, bigakorwa n-abantu gushika ubu bataramenyekana.

 

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...