Tuesday, March 28, 2023
HomeNewsUmwe mu bakinyi ba "NINDE?" yitavye Imana.

Umwe mu bakinyi ba “NINDE?” yitavye Imana.

Umukinyi w’igikino ca NINDE?abimazemwo igihe kirekire azwi kw’izina rya Bikombe yaraye yitavye Imana kuri uyu wa kabiri mu bitaro bikuru vyo mu ntara ya Gitega nk’uko abo vyakinana mw’ico gikino bavyemeje.

Umwe mu bagenzi b’umuhisi azwi kw’izina rya Kireko yatangaje kuri uyu wa kabiri ku kagoroba ko nyakwigendera yafashwe giturumbuka kuri uyu wa mbere maze niko guca anyarukanwa kuvurirwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Gitega aho yahavuye yitabira Imana kuri uyu wa kabiri.

Uwo mukinyi ngo n’umwe mu batanguranye igikino umurwi Ninde? hari mu mwaka w’1978.

Must Read