NEWS

Umviriza Itangazo rya SAHWANYA-FRODEBU Ku Bijanye n’Ihindurwa ry’Ibwirizwa Shingiro.

on

Mu gihe isekeza ryo guhinyanyura ibwirizwa shingiro risa nirigeze kure, bamwe ntibahengeshanya kubona ko ayo matora yo guhinyura ibwirizwa shingiro ateye akaga. Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziheruka kwerekana ko ayo matora atazoba aciye mu muco. FRODEBU nayo yashize ahabona itangazo ryo kwibutsa ivyinyegeje inyuma y’ayo matora.

Mw’itangazo umugambwe SAHWANYA FRODEBU wasohoye urerekanako ayo matora aje ahonyanga amasezerano ya Arusha yo mushinge w’ibwirizwa nshingiro ryahahora ryari ryatowe mu mwaka wa 2005; kubwa Bamvunginyumvira Frédéric yasomye iryo tangazo, iryo bwirizwa nshingiro ririko rihindurwa mugihe kitarico kandi uwo mugambwe FRODEBU ugiye kurondera abahinga bowufasha kwitura ubutungane.

Umviriza ngaha ijambo rya FRODEBU ryasomwe na Frederic BAMVUGINYUMVIRA:


Recommended for you