NEWS

Umvira hano ico bamwe bamwe bavuga ku bijanye n’ifatwa ry’abagirizwa iyicwa rya Ndadaye.

on

Iradio ivuga ko ivugira umuhari wiyemeje kugarukira Uburundi,FPB, iragaruka ku bintu bitari bike na cane cane ifatwa ry’ingabo zine zo mu bwoko bw’abatutsi zagirizwa kugandagura incungu ya Demokrasi mu Burundi hamwe n’ibijanye n’isibwa rya leta y’uburundi mu Nama ya EAC itegekanijwe kuba ku wa 30 Munyonyo 2018.

Bamvuginyumvira Frederic akavuga ko ugusiba kwa leta y’Uburundi iyo nama ya EAC ari kugira ngo ‘leta y’Uburundi isamaze abantu mu kwerekana ko iriko ifata abishe Ndadaye’.

Onesime Nduwimana, umuvugizi wa CNARED, nawe akamenyesha nyabuna ko ‘CNDDD-FDD iriko isubiriza mu nkoko abarwanije bose ikiringo ca Nkurunziza ca gatatu, ko abo bafashwe basanzwe barwanya intwaro ya CNDD-FDD’.

Didace Kiganahe nawe akameyesha ko wa umugwi mushasha uherutse kujaho ariwo CVR, ukwiye guhaguruka maze ukabwira ‘Leta y’Uburundi ikareka kuwuvogera mu kazi kawo’.

Umviriza abo bagize ivyo bavuze ngaha:

Recommended for you