NEWS

Umuyobozi w’ishure ryisumbuye rya Rutana n’abafasha biwe bose babarizwa mw’ibohero

By

on

Abarongoye ishure ryisumbuye rya Rutana, harimwo umuyobozi mukuru hamwe n’abo bafashanya bagera ku ndwi babarizwa mw’ibohero rikuru ry’intara ya Rutana kuva kuri uwu wa kabiri. Bose uko ari umunani bungururijwe muri iryo bohero rikuru, inyuma y’iminsi cumi n’ine bari bamaze bapfungiwe mu gasho ka kamine. Sentare nkuru yegukira intara ya Rutana niyo yafashe ingingo y’uko bogumizwa mw’ibohero.

Abo bantu bose bafashwe inyuma y’ubusuma bwakozwe kuri iryo shure ryisumbuye, aho imashini nyabwonko (Ordinateurs) zigera kuri 15 zaburiwe irengero.

Mu butungane bavuga ko abo bantu bafashwe ku mvo z’amatohoza ariko arakorwa kw’irengero ry’izo mashini nyabwonko.

Abafashwe ni umuyobozi mukuru w’iryo shure, umuyobozi ajejwe ivy’inyigisho, hamwe n’abanyezamu batandatu.

Recommended for you