Umuyobozi mukuru afise ikiganiro ca mbere gikunzwe cane n’abarundi benshi baba hano muri Leta zunze ubumwe za America ndetse no kwisi yose ” Steven Biko Raphael ” mu kiganiro ca ” The SYUB Show ” ahejeje kongerako ikindi gice yise ” (60 SECOND) Music Promotion, ico naco rero kikaba kizofasha kuzamura indirimbo z’abaririmvyi batandukanye ndetse no kumenyekanisha ibikorwa vyabo basanzwe bakora.
Iki kintu umurongozi wa The SYUB Show ( Steven Raphael ) ashizeko ni ciza cane ndetse gikomejwe gushigikirwa hamwe no gukundwa n’abantu benshi bivanye nuko yahaye agaciro ndetse yongera aranashigikira ibikorwa vy’abariririnvyi b’abarundi hamwe n’abandi bose boba bafise ico kumenyekanisha biciye muri ino Promotion .