NEWS

Umuyagankuba Ugiye Kuboneka Ariko Ibiciro Vyawo Bigiye Kuduzwa!

By

on

Abantu benshi bakoresha umuyagankuba baribaza nimba ugukena kw’umuyagankuba mu Burundi kwabaye ndanse mwiyi misi kwatumwe nuko kumbure boba batanga amahera amake.

Ugukena kw’umuyagankuba kuri kumwe n’ugukena igitoro vyose birahungabanya ibikorwa vyose bisaba ko umuyagankuba hamwe n’igitoro kugira birangurwe.

Inyuma y’amezi make hatangwa umuyagankuba muke muke( Delaistages) na cane cane mu gisagara ca Bujumbura, abanyagihugu baba mu gisagara ca Bujumbura “bagiye kuronswa vuba umuyagankuba ukwiye, ariko ibiciro vyawo biduzwe”, nkuko Umushikiranganji w’Ubutaka n’Amasoko ntanganguvu, Come Manirakiza aheruka kubimenyesha.

Inkuru nshasha yuko hagiye kuboneka umuyagankuba ukwiye guhera mu kwezi kwa Mukakaro 2017 ije ari inkuru yeza umutima ku batari bake , ariko bakaba bafise amakenga ko ivyo biciro bishasha vy’umuyagankuba batazohava babishobora kubiriha.

Côme Manirakiza, Umushikiranganji w’Ubutaka n’Amasoko Ntanganguvu

Come Manirakiza yamenyesheje ko “ugutanga umuyagankuba ku gukurakuranwa ku ma quartiers( delaistages) kugiye kurangira”.Abandanya amenyesha ko uko uwo muyagankuba uzotangwa bizova mu nama Ubwo bushikiranganji buzokora mu ndwi iza.

Igisagara ca Bujumbura, eka mbere no mu bice bitari bike mu gihugu hagati vyari bibangamiwe no kubura umuyagankuba kuva mu mwaka uheze bitumwe nuko ubutunzi bw’igihugu bubandanya buba nabi. Ivyo vyari vyatumye abandandaza ibintu bikenera umuyagankuba nk’amata, amafi bahahombera cane.

Abanyagihugu benshi bo mu gisagara ca bujumbura bavuga ko baronswa umuyagankuba mu kanya gato ku musi, abandi bakavuga ko bashobora kumara indwi yose ata muyagankuba.

Abategetsi bakavuga ko iryo kena ryuwo muyagankuba riva ku kuba amazi yaragabanutse mu ngomero zitanga umuyagankuba bitumwe nuko imvura yabaye nke. Abanyagihugu baravuga ko wobura uboneka ariko bagatanga ayo mafaranga ariko bakawuronka.

Recommended for you