NEWS

Umuvugizi wa Leta y’Uburundi aragiriza Urwanda kuba rwarateye Uburundi

By

on

Mw’itangazo umuvugizi wa Leta y’Uburundi akaba n’umunyamabanga wayo, Prosper Ntahorwamiye, yasomye kur’uyu wa kane yamenyesheje ko igihugu kibanyi c’Urwanda cateye ikirindiro c’abasirikare bari muri komine Mabayi igenekerezo rya 16 rishira 17 munyonyo. Abasirikare 9 barahasize ubuzima n’abandi barakomereka nkuko igisirikare c’Uburundi cabimenyesheje.

Prosper Ntahorwamiye akavuga ko Leta y’Uburundi yituye amashirahamwe mpuzamakungu kuva kera kurako gasotoro k’igihugu c’Urwanda ariko ntanyishu baronse. Akavuga nk’amashirahamwe ya SADC, CIGL, Ubumwe bw’Afrika, ONU, EAC, aho hose nta nyishu itomoye bararonswa.

Akavuga ko basavye ko hojanwa abahinga mu gihugu c’Urwanda kuraba ko hari imisore igire imyimenyerezo ya gisirikare nkuko baje m’Uburundi kuraba ko atabarwanya Leta y’Urwanda bari i Burundi. Prosper Ntahorwamiye akavuga ko Uburundi busubiye guterwa buzokwivuna. Uwuvugira igisirikare c’Urwanda akaba yarahakanye ko Igisirikare c’Urwanda kitari mur’ico gitero, ko izo ngorane zovugirwa mu mashirahamwe ahuza ibihugu vyo mu Karere no mu makungu.

Recommended for you