Umutekano w’umuririmvyi w’igihangange m’umuziki wu Burundi ” Nzeyimana Mkombozi ” ntiwifashe neza nagatoya aho ngo ninyuma yaho ariko aragirirwa iterabwoba bivanye n’indirimbo yiwe nshasha aheruka gusohora ya Nzeyimana.
Ano makuru rero nkuko yemezwa numwe mu bamenyeshamakuru yaganiriye na Mkombozi, we yababwiye yuko murino minsi umutekano wiwe k’utifashe neza kuko ngwariko aragirwako iterabwoba, ibi rero kugeza ubu bikaba bitangaje cane kubona umuririmyi asohora indirimbo ariko hagaca hagira abantu batangura kumugirira iterabwoba.
Tugerageje gucisha muncamake uko Mkombozi yavuze, we yagize ati : Umutekano wanje ntuhagaze neza, indirimbo ya nzeyimana sinayikoze kugirango ngirweko iterabwoba ahubwo kwari ukugirango nshikirize ubutumwa, ubu hari insamirizi ( Radio ) zahagaritse kuvuza indirimbo yanje ya Nzeyimana ariko akeza karigura kuko amajwi yayo yarakunzwe ndetse ndizera ko nubwo vyogenda gute ko izokwemerwa.
UBM News tubibutse ko amakuru adushikira hano , avuga ko isanamu ( Video ) y’indirimbo ya Nzeyimana ko yoba agiye gutangurwa gukorwa.