Wednesday, June 7, 2023
HomeNewsUmutekano - umumenyeshamakuru yahowe ivyariko aratohoza

Umutekano – umumenyeshamakuru yahowe ivyariko aratohoza

Egide Ndayisenga n’umwe mu bamenyeshamakuru ba Bonesha FM ku musi wa gatanu yaratewe gerenade muhira iwe atashe, akamenyesha ko ivyo bishobora kuba bifitanye isano n’amatohoza yaragize igihe ariko arakora.

Egid

 

Mu matohoza yariko arakora harimwo inkoho zatowe mu kabezi mu nzu y’uwitwa Athanase Minani, uwo nawe akamenyesha ko bariko baramurenganya atana kimwe azi ariko igipolice kikaba kitashatse kumwumviriza.

Uwo mumenyeshamakuru amenyesha ko yaratashe amasaha yitereye ahejeje kwinjira aza yumva ikintu kiguye ku kwibati niko mu mwanya muto kwumva iyo gerenade ituritse. Imbere yaho akaba yaravuye mu kabare hampande yaho asanzwe aba muri commune musaga muri karitiye Gasekebuye kw’i barabara rya kabiri, akaba yariko asangira n’umugenzi wiwe.

Mwomenya ko atari uwo gusa kuko n’abamenyeshamakuru batandukanye b’amaradio bakorera hagati mu gihugu bagize igihe bahohoterwa cane.

Must Read

Perezida wa Kenya William Ruto asaba bagenzi we ba Afrika gutera...

0
Umukuru w’igihugu ca Kenya William Ruto asaba bagenzi we bo ku mugabane wa Afrika gutera intambwe ikomeye igana mu bijanye no guheba gukoresha idorare...