Wednesday, May 31, 2023
HomeNewsUmutekano - Ivyakorewe Yezu mu kibanza c'umwana w'umuntu vyakorewe Evariste mu kibanza...

Umutekano – Ivyakorewe Yezu mu kibanza c’umwana w’umuntu vyakorewe Evariste mu kibanza General Major Niyombare

Général Major Godefroid Niyombare aremeza ko banyuruje uwahoze amucengerera umutekazo azwi nka Capitaine Evariste Nkuyehasi  akanemenyesha ko n’iyo yajanywe ahazi naho adashima kuhavuga.

Abashaka kugandagura abadashigikiye ukwitoza kwa gatatu kw’umukuru w’Igihugu c’Uburundi barabandanya ibikorwa batanguye. Niba atari ukwihenda kwoba kwarabaye hagafatwa uwutari we uwahoze acungera umutekano wa General Godefroid Niyombare yaranyurujwe akuwe aho yari mu modoka y’uwo yahoze acungerera umutekano akiri umukuru w’ibiro bikuru vy’iperereza. Abamunyuruje bamukuye kuri Cercle Nautique nabo bakaba bari bambaye impuzu z’igisirikare nkuko ikinyamakuru Igihe kibivuga.

niyombare

Nkuko vyemezwa na General Godefroid Niyombare ng’uwo banyuruje aramuzi kandi n’imodoka yarimwo niwe yayimutijije, ngo iyo bamujanye arahari ariko ntashima kuhavuga.

Twibukanye ko umupfasoni w’iyo ntwazangabo mu gisirikare yahatswe kugandagurwa mu misi yahera, ivyo vyose bikaba vyavuye ku rupapuro yandikiye umukuru w’igihugu amubwira uko umutekano wifashe mu gihugu anamusaba ko atosubira kwitoza ubugira gatatu, aho akaba yari yashinzwe amabanga yo kurongora ibiro vy’iperereza ariko akaba yaciye yakwa ayo mabanga mu mwanya wo gukubita urugohe.

Must Read