Tuesday, September 27, 2022
HomeNewsUmutekano - Imyiyerekano y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi yahinduwe Imigumuko

Umutekano – Imyiyerekano y’abatavuga rumwe n’ubutegetsi yahinduwe Imigumuko

Imyiyerekano y’ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu yacitse imigumuko nkuko umwunganizi w’umushikiranganji w’intwaro yo gatati mu gihugu agashaba abajejwe umutekano n’abo mu butungane guhana uwo wese yoja mw’ibarabara kuko itasabiwe uruhusha nkuko abandanya abishikiriza.

Ivyo bikaba bivuzwe inyuma y’iyashigikiwe n’abapolice ku musi wa gatandatu y’ukwemeza ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu hamwe n’ukwiyamiriza RPA. Eka bibaye nk’ibihora bigirirwa abari mu mashirahamwe atarwanirwa ivyicaro vya Pilitique hamwe n’abamenyeshamakuru mu gihe bariko bashaka gushikiriza ivyiyumviro vyabo babicishije mu myiyerekano.

policee-1aeed

Mwomenya ko guhera mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu aba police batagira uko bangana bafise ibikoho bitera imyika ikoroza amosozi hamwe n’ibibakingira mu maso bazindutse bugarije igisagara ca Bujumbura aho abantu benshi babujijwe gushika ku buzi bwabo hakiri kare bivuye kuko amakinga n’ama Moto atashobora kurengana ibiraro, nayo abakomakomeye muri iyo migambwe yatunganije iyo myiyerekano bakaba bagumijwe mu mazu yabo n’aba Police banse ko baja mwi barabara.

Must Read

Uganda: Abantu 23 nibo bamaze kwicwa na Ebola (OMS).

0
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu kw'isi OMS ritangaza ko mu gihugu ca Uganda abantu bagera kuri 23 aribo bamaze kwicwa n'ikiza ca Ebola kikomoka...