Abifuza kugandagura Bob Rugurika ngo ntibarota basubiza inkota mu rwubati nkuko vyibonekeza mu bikorwa bitandukanye bikorerwa hampande y’urupangu asanzwe abamwo.
Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru RPA asanzwe arongoye abivuga ngo imiduga ifise ibiyo bitabona(biriko irangi ryirabura) ziguma zitembere aho asanzwe aba muri kinindo,iyomiduga nyene ikaba ari nayo ivurwa ko ikoreshwa mu kugirira nabi abatavuga rumwe n’ubutegetsi.
Ku musi w’Imana igenekerezo rya 29 ntwarante hoho ngo abari muri iyo modoka barurutse bihenda inzu bakankamira umuntu bari babonye ngo abereke kwa Bob Rugurika ariko Imana irakinga uwo muntu ntaho yarazi nkuko bishikirizwa n’uwakankamiwe. Ivyo bikaba bibaye inyuma yaho indwi irangiye imodoka nkizo ziguma zinyuragiranwa muri ako gace uwo murongozi wa RPA asanzwe abamwo.
Mwibuke ko uwo mugambwi wo kumugandagura utari uwa vuba kuko babimumenyesheje kuva akiri mw’i Buye i Muramvya ko ashobora kugandagurwa umwanya n’umwanya naho adahema aheba kugira ico avuze ku makuba uburundi burimwo.