Thursday, December 1, 2022
HomeUbutunziUmutahe wa miriyoni 500 z’amarundi hamwe n’ingwati ya miriyoni 50 nivyo...

Umutahe wa miriyoni 500 z’amarundi hamwe n’ingwati ya miriyoni 50 nivyo bisabwa abipfuza kwuguruza amazu yo kuvunja.

Umutahe wa miriyoni 500 z’amafaranga y’amarundi hamwe n’izindi miriyoni 50 z’ingwati ni bimwe mu bisabwa n’ibanki nkuru y’igihugu BRB kugira abakora umwuga wo kuvunja amahera mvamakungu batangure gukora. Ni mugihe uwo mutahe wahora usabwa wahora kuri miriyoni 100 gusa z’amarundi.

Mu nama yahuje iyo banki hamwe n’abavunjayi kuri uyu wa gatanu , Abakora uwo mwuga basavye ko uwo mutahe nyabuna hamwe n’iyo ngwati bigabanywa .Basavye kandi BRB ko yobaronsa ayo mafaranga mvamakungu. Kubera ayo makenga y’abo bavunjayi , Ibanki BRB yasavye nyabuna abo bavunjayi kuja hamwe mu mashirahamwe kugira baronke uwo mutahe.

Must Read