NEWS

Umusore yahora aba mu Cibitoke yatowe ikiziga mw’ikambi y’igisirikare mu Kamenge

By

on

Umusore azwi kw’izina rya ISHIMWE Elvis w’imyaka 24 yatowe ikiziga mu bunywero buri mw’ikambi bita DCA iri muri zone ya Kamenge mu gisagara ca Bujumbura.

Amakuru atangwa n’igiporisi avuga ko uwo ISHIMWE Elvis yari yasezeye avuga ko agiye mu munsi mukuru na bagenzi biwe. Uwo munsi mukuru uheze, uwo munyeshure yarasezeye, abwira bagenzi we ko atashe, ariko akaba atashoboye gushika i muhira, kuko ikiziga ciwe catowe mu bunywero buri mw’ikambi ya DCA.

Ikiziga ciwe caciye kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bw’ibitaro vyitiriwe umwami Khaled, amatohoza ko camwishe akaba yatanguye.

Mu giporisi bamenysha ko ata kimenyetso na kimwe cerekana icoba cishe uwo musore. Elvis ISHIMWE yahora aba muri zone Cibitoke mu gisagara ca Bujumbura, akaba yahora yiga kw’ishure ryisumbuye benshi bita kuri ENE.

Recommended for you