NEWS

Umusoda w’Umurundi yishwe muri Centrafrique.

on

Umusirkare umwe mu bacungera umutekano mu rwego rwa ONU arirwo MINUSCA mu kugarukana amahoro mu gihugu co muri Centrafrique yishwe ejo ku mugoroba wo ku musi wa mungu mu gihugu hagati, nk’uko inkuru ya ONU ibishira ahabona.

Ku bwa Daily Mail, imigwano yatumye uwo musoda w’umurundi ahasiga ubuzima ikaba yabereye mu gace ka Bambari mu gisagara ca Bangui ku murwa mukuru wa Centrafriqwue. Umusoda kandi umwe wa centrafrique akaba yarakomeretse.

Urwo rupfu rw’umusirikare w’umurundi rukabba ruje inyuma y’aho hapfuye umusoda umwe wa Tanzania mu bagiye kugarukana amahoro muri Centrafrique, nk’uko Daily Mail ibimenyesha.

Umugwi wa ONU ugarukana amahoro muri Centrafrique, witwa kandi MINUSCA, uri mu gihugu ca Centrafrique kuva mu mwaka wa 2014, ufasha mu gucungera umutekano muri ico gihugu inyuma yaho hadukiye intureka zihagaze ku moko n’amadini muri ico gihugu zaburijwemwo n’igihugu c’Ubufaransa.

MINUSCA ikaba ifiseyo absirikare bashika ku 11 000 hamwe n’abapolisi bashika 2000 muri ico gihugu. Abahagarira amahoro muri centrafrique bashika 5 bamaze kwicwa uyu mwaka.

Daily Mail imenyesha ko igitero c’ejo ku musi wa mungu ku mogoroba cakozwe n’umugwi wiyita Union for Peace, kandi ko abari muri uwo muhari bakaba barahasize ubuzima ari benshi muri iyo migwano yamaze ikiringo c’amasaha atatu.

Recommended for you