NEWS

Umusoda Akora Mu Bacungera Umutekano w’umukuru w’Igihugu Yariyahuye

on

Igisirikare c’Uburundi camenyesheje ejo ku musi wa mbere ko umwe mu basoda baco yari asanzwe acungerera ubuzima umukuru w’igihugu yiyahuye bivanye n’uko uyo musoda yirashe akoresheje inkoho yiwe bwite mw’ijoro ryo ku wa mungu rishira uwa mbere.

Colonel gaspard Baratuza, umuvugizi w’igisirikare c’Uburundi, yamenyesheje ati : “Umushikiranganji wo kwivuna abansi n’abahozze ku rugamba, aramenyesha urupfu rwa Caporal chef NISHEMEZWE rwashitse mwijoro ryo kuwa 6 Myandagaro 2017 isaha zitatu z’ijoro, urwashitse uyo musoda yiyahuye mu kwirasa n’inkoho yiwe ariku kazi kiwe“.

Gaspard Baratuza

Gaspard baratuza akaba yamenyesheje ko uyo musirikare w’igihugu yari mu basoda bo kurwego rwo hejuru mu bacungera abategesi b’igihugu n’inzego, be nuko yari yatahutse ava muri Centrafrique mu bari bajanywe kubungabunga amahoro mwico gihugu ku rwego rwa MINUSCA.

Gaspard baratuza akamenyesha ko “uyo musoda ata ngorane yo mu mutwe yari afise kandi ko yari afise imigenderanire myiza na bagenziwe mu kazi kiwe”.

Maze uyo muvugizi nyene w’ubushikiranganji bwo kwivunna abansi akaba yamenyesheje ko “amatohoza ariko arakorwa n’igipolisi kijanye n’ivyubutungane” ku vyerekeye urwo rupfu rwashitse giturumbuka rw’uwo musirikare w’igihugu.

Recommended for you