NEWS

Umusi mubi ku maradiyo yigenga

By

on

Izo radiyo na télévision akaba ari Isanganiro, Bonesha, RPA, Rema FM na Télé Renaissance zikaba zugawe umusi ukurikira ihakwa guhirika ubutegetsi bw’i Bujumbura itariki 13 rusama 2015. Kiretse iradiyo RPA yugawe ubwambere mu myiyerekano yagirizwa kugumura abanyagihugu mu myiyerekano.

Munyuma yasubiye kugurura amasaha make ku musi wa coup d’Etat ica iraturigwa mur’iryo joro nyene irashwe amasasu menshi kuko hari hinjiye abasirikare bavuga ko bahiritse ubutegetsi. Izindi radiyo nka Bonesha FM, Rema FM na Télé Renaissance zaciye ziturigwa nazonyene kur’uyo musi w’ihirikwa ry’ubutegetsi. Munyuma, ubutegetsi bwaremereye ko amaradiyo abiri ashobora kusubira gusamirana izo nazo akaba ari radiyo Isanganiro na Rema FM.

Uwutwara ishirahamwe ry’amaradiyo avugira m’Uburundi ABR, Onesime Harubuntu, asaba ubutungane ko bwonyarutsa amadosiye ari mu butungane ajanye n’ayo maradiyo, hama abatagirizwa amakosa basubire bakore. Onésime Harubuntu akaba yibutsa akamaro k’amaradiyo n’ibimenyeshamakuru aho bifasha cane abatwara gufata ingingo no kubamenyesha ibiriko biraba mu gihugu.

Recommended for you