Thursday, December 1, 2022
HomeNewsUmushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw'uwo aburanira muganga SAHABO.

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye yakuyemwo akarenge mu rubanza rw’uwo aburanira muganga SAHABO.

Umushingwamanza Sandra Ndayizeye aburanira muganga Sahabo Christophe yaraye akuyemwo akarenge mu rubanza rw’uyo yaburanira iki gihe apfungiwe mw’ibohero rya Ruyigi. Sandra Ndayizeye akaba yagiriyeko asaba imbabazi kubo yaramaze imisi ashengeje mu Butungane aribo Charles Ndagijimana arongoye ivy’imfatakibanza urwego nshingwantaro rw’ibitaro KIRA hamwe na muganga Sylvain-Pierre Nzeyimana nawene arongoye ivy’imfatakibanza ivyo bitaro. Kuba Sandra Ndayizeye yasokoye ibirego, bamwe mubize ivy’amategeko bavuga ko ari iterabwoba yoba yakorewe n’abakozi b’iperereza bamusanze iyo apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba.

Nkuko tubisanga mu nzandiko zateweko umukono na Sandra Ndayizeye kuwa 3 Gitugutu 2022, nazo zikaba zarungikiwe uwurongoye urwego nshingwantwaro rw’ishirahamwe SOCABU na prokirere wa republika wa sentare nkuru ya Muha, bose bamenyeshwa n’uwo mushingwamanza ko asokoye ibirego vyose yari yatwaye mu butangane vy’uwo yaburanira Muganga Sahabo Christophe yahora arongoye ibitaro KIRA ko ivyo birego vyose bitosubira kurabwa ari impfagusa. Uwo mushingwamanza mw’izo nzandiko ziwe arasaba imbabazi abo yaramaze imisi ashengeje mu butungane abo nabo ni Muganga Sylvain-Pierre Nzeyimana arongoye ivy’imfatakibanza ivyo bitaro hamwe na Charles Ndagijimana arongoye nawene urwego nshingwantwaro rw’ivyo bitaro.

Urundi rwandiko rwasohotse kuri uyu wa 4 Gitugutu 2022 , Sandra Ndayizeye amenyesha muganga Sahabo Christophe ko akuyemwo akarenge muvyo kumubera umushingwanza wiwe ndetse amusaba kurondera uyundi mushingwamanza yobandanya amuburanira muri dosiye y’ibitaro KIRA Hospital
Naho izo nzandiko zateweko umukono n’umushingwamanza Sandra Ndayizeye zibitomoye, umwe mubamaze imisi akwirikirana hafi idosiye y’ibitaro KIRA, amenyesha ko Sandra Ndayizeye yoba yakorewe iterabwoba ridasanzwe na bamwe mu bakozi b’iperereza bamusanze iyo apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba kugira asokore mw’urwo rubanza ibirego vyose yari yaratwaye mu butungane . Gustave Niyonzima akabona ko ari ubundi buryo bwo guhonyanga uburenganzira bw’ababuranira Muganga Sahabo Christophe.

«Kuba Sandra Ndayizeye asokoye mu kuburanira Muganga Sahabo, nta gukekeranya nti iperereza ryabimusinyishije ku nguvu nkuko ryabikoreye Sahabo nyene na Muganga Jean-David Pillot kugira bemere ko batanze imihoho mu kurongora ivyo bitaro hamwe n’urwego nshingwantwaro. Ikibonetse nuko hatanzwe iterabwoba no ku bandi bashingwamanza bogira agatima ko kuburanira muganga Sahabo» bivurwa n’umwe yize ivy’amategeko akora akazi ko kuburanira abantu mu butungane iyo barenganijwe.

Must Read