NEWS

Umushingamateka W’Uburundi Muri EAC Yarashwe N’Inkozi Z’Ikibi.

on

Mw’ijoro ryo kuwa kabiri rishira uwa gatatu muri iyi ndwi, umushingamateka w’Uburundi, Pierre Claver Rurakamvye, mu nama Nshingamateka ya Afrika y’Ubuseruko( East African Legislative Assembly, EALA) yarakomerekejwe n’amasasu mu gisagara ca Bujumbura, bivuye ku masasu yarashwe n’inkozi z’ikibi zaje ziva muri Republika iharanira Demokrasi ya Kongo igihe yari atwaye abapolisi kugira bashobore gufata izo nkozi z’ibibi, nk’uko Xinhua Online ibimenyesha.

Uwo mushinganateka wa EALA, Pierre Claver Rurakamvye, akaba yakomeretse ku kuboko inyuma yo kuraswa urusasu n’izo nkozi z’ibibi igihe abapolisi bariko bakurikirana izo nkozi z’ikibi, nk’uko Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ Umutekano, Pierre Nkurikiye yabimenyesheje ejo ku musi wa gatatu.

.

Abapolisi b’igihugu bifashishije imodokoa yuwo mushingamateka kugira bashobore gufata izo nkozi z’ikibi zari zanse guhagarika imodoka yabo kugira isuzumwe n’ababijejwe mw’ibarabara.

Abapolisi bamaze gushika mw’ihoteli izo nkozi z’ikibi zari zinyegejemwo baciye bafata batanu, maze nabo baca barasa ku modoka y’uwo mushingamateka aca arakomereka ku kuboko. Igipolisi kikaba cafashe ibidodo vyinshi vy’amashirahamwe akorera muri Kongo, nk’uko Pierre Nkurikiye yabimenyesheje.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano akaba yamenyesheje ko hagiye gukorwa amatohoza kuri izo nkozi z’ikibi zaje ziva muri Kongo hamwe n’intumbero yazo.

Recommended for you