NEWS

Umushingamateka Wo Mu Mizero y’Abarundi Yakubaguwe.

on

Umushingamateka wo mu runani Amizero y’Abarundi rurongowe n’umushingamateka Agathon Rwasa, yarakubaguwe ejo ku musi wa gatanu muri zone kanyosha mu gisagara ca Bujumbura.

Abari ngaho ivyo vyabereye bakemeza ko umurwi w’urwaruka rw’imbonerakure( urwaruka rwo mu mugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD rwiswe na ONU umurwi w’inkorabara:milice), niwo wagirizwa guhohotera abanywanyi b’urunani Amizero y’abarundi n’uwo mushingamateka.

Umushingamateka wo mu runani Amizero y’abarundi yahaserutse aje kuraba ‘benewabo basangiye urugamba’ nawe ntiyatevye gufatwa nabi arakubagurwa n’urwo rwaruka. Uwari aho habereye ivyo yavuze ko uwo mushingamateka “yafashwe mw’izosi ahakwa kunigishwa n’ikaruvati yari yambaye”.

Ingaruka zaribonekeje kubera ko abashinagamteka bo muri urwo runani batitavye ibikorwa vy’inama nshingamateka mu kwiga ingingo yo gusubira kwihweza uko ibinyamakuru bikora kubera bari bishikiye kuraba uko bagenzi babo bakubaguwe, maze ico gikorwa nticakorwa kubera ko abashingamateka batari bakwije igitigiri gisabwa.

Pascal Nyabenda arongoye Inama nshingamateka akamenyesha ko iyo ngendo y’abo bashingamateka atari nziza, ko batari kugenda bose kuraba ivyabaye ngo bibagire n’ibikorwa igihugu cabashinze.

Ukutarabana ryiza si kwiza na gato muri bino bihe vy’ihinyanyurwa vy’ibwirizwa shingiro hagati yabashigikiye Leta n’abatayishigikiye, nk’uko vyama vyibonekeje hirya no hino mu gihugu.

Recommended for you